-
2 Ngoma 24:20-22Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
20 Impwemu y’Imana iza kuri* Zakariya umuhungu w’umuherezi Yehoyada+. Ahagarara ahantu hataramutse imbere y’abantu ababwira ati: «Imana y’ukuri ivuze iti: “Kubera iki muhonyanga amabwirizwa ya Yehova? Ntimuzororanirwa. Ko mwahevye Yehova, na we rero azobaheba+.”» 21 Mugabo baja inama yo kumugirira nabi+ maze bamwicisha amabuye babitegetswe n’umwami. Bamwiciye mu kigo c’inzu ya Yehova+. 22 Umwami Yehowasi yaribagiye ivyiza yakorewe na Yehoyada* se wa Zakariya, yica uwo muhungu wiwe. Ariko aracikana yavuze ati: «Yehova abirabe, aze abiguhanire+.»
-