2 Ngoma 15:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Ariko mwebwe nimukomere ntimucike intege*+, kuko muzoronka impera ku gikorwa canyu.» 1 Abakorinto 3:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Uwutera n’uwuvomera ni bamwe*, mugabo umwe wese azoronka impembo bivanye n’igikorwa yakoze+. Ivyahishuwe 14:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Maze numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: «Andika uti: hahiriwe abapfuye bunze ubumwe n’Umukama+ guhera ubu kubandanya. Egome, ni ko impwemu ivuze, nibaruhuke umuruho wabo, kuko ibikorwa vyabo bitazokwigera vyibagirwa*.»
13 Maze numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: «Andika uti: hahiriwe abapfuye bunze ubumwe n’Umukama+ guhera ubu kubandanya. Egome, ni ko impwemu ivuze, nibaruhuke umuruho wabo, kuko ibikorwa vyabo bitazokwigera vyibagirwa*.»