2 Mbona kandi ca gisagara ceranda, ari co Yeruzalemu nshasha, kimanuka kiva ku Mana mw’ijuru+. Cari citeguye nk’umugeni yisharije arindiriye kwakira umugabo wiwe+.
9 Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma+, aca araza maze ambwira ati: «Ingo ndakwereke wa mugeni, umugore wa wa Mwagazi w’intama+.»