-
2 Timoteyo 1:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Yaradukijije yongera iduhamagaza umuhamagaro mweranda+. Ntiyabigize kubera ibikorwa vyacu, ahubwo yabigize kubera umugambi wayo n’ubuntu bwayo buhebuje+. Twagiriwe ubwo buntu biciye kuri Kristu Yezu imbere y’ibihe vya kera cane, 10 ariko ubu bwaribonekeje neza biciye ku kwerekanwa kw’Umukiza wacu Kristu Yezu+, yakuyeho urupfu+ akongera akaduhishurira biciye ku nkuru nziza+ ingene tworonka ubuzima+ n’umubiri utabora+.
-