Imigani 15:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake+,ariko ijambo ribabaza ritera ishavu+. Abagalatiya 6:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+. Abanyefeso 4:1, 2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Jewe rero imbohe+ mu Mukama, ndabinginga ngo mwigenze nk’uko bibereye+ ihamagarwa mwahamagawe, 2 mwihanganirana mu rukundo+ mubigiranye ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi n’ukwigumya+, 1 Timoteyo 6:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubwitonzi+. 2 Timoteyo 2:24, 25 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Mugabo umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga* kuri bose+, ashoboye kwigisha, yigumya iyo agiriwe nabi+, 25 akigisha mu bwitonzi abantu batoroshe+. Hari aho Imana yotuma bigaya* bakamenya neza ukuri+, 1 Petero 3:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Mugabo mwemere mu mitima yanyu ko Kristu ari Umukama be n’uko ari mweranda, mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese ababajije ishimikiro* ry’icizigiro mufise. Mugabo mubigirane ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure+.
6 Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.
4 Jewe rero imbohe+ mu Mukama, ndabinginga ngo mwigenze nk’uko bibereye+ ihamagarwa mwahamagawe, 2 mwihanganirana mu rukundo+ mubigiranye ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi n’ukwigumya+,
11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubwitonzi+.
24 Mugabo umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga* kuri bose+, ashoboye kwigisha, yigumya iyo agiriwe nabi+, 25 akigisha mu bwitonzi abantu batoroshe+. Hari aho Imana yotuma bigaya* bakamenya neza ukuri+,
15 Mugabo mwemere mu mitima yanyu ko Kristu ari Umukama be n’uko ari mweranda, mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese ababajije ishimikiro* ry’icizigiro mufise. Mugabo mubigirane ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure+.