ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 15:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake+,

      ariko ijambo ribabaza ritera ishavu+.

  • Abagalatiya 6:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.

  • Abanyefeso 4:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Jewe rero imbohe+ mu Mukama, ndabinginga ngo mwigenze nk’uko bibereye+ ihamagarwa mwahamagawe, 2 mwihanganirana mu rukundo+ mubigiranye ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi n’ukwigumya+,

  • 1 Timoteyo 6:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubwitonzi+.

  • 2 Timoteyo 2:24, 25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Mugabo umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga* kuri bose+, ashoboye kwigisha, yigumya iyo agiriwe nabi+, 25 akigisha mu bwitonzi abantu batoroshe+. Hari aho Imana yotuma bigaya* bakamenya neza ukuri+,

  • 1 Petero 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Mugabo mwemere mu mitima yanyu ko Kristu ari Umukama be n’uko ari mweranda, mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese ababajije ishimikiro* ry’icizigiro mufise. Mugabo mubigirane ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika