Imigani 15:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake+,ariko ijambo ribabaza ritera ishavu+. 2 Timoteyo 2:24, 25 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Mugabo umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga* kuri bose+, ashoboye kwigisha, yigumya iyo agiriwe nabi+, 25 akigisha mu bwitonzi abantu batoroshe+. Hari aho Imana yotuma bigaya* bakamenya neza ukuri+, Tito 3:1, 2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose, 2 kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abanyamahane, ahubwo babe abantu batadadaza*+, bama berekana ubwitonzi ku bantu bose+.
24 Mugabo umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga* kuri bose+, ashoboye kwigisha, yigumya iyo agiriwe nabi+, 25 akigisha mu bwitonzi abantu batoroshe+. Hari aho Imana yotuma bigaya* bakamenya neza ukuri+,
3 Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose, 2 kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abanyamahane, ahubwo babe abantu batadadaza*+, bama berekana ubwitonzi ku bantu bose+.