-
Itanguriro 14:17-20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
17 Aburamu agarutse avuye gutsinda Kedolawomeri n’abami bari kumwe na we, umwami wa Sodomu aca aza kumusanganira mu kiyaya ca Shave, ari co kiyaya c’Umwami+. 18 Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ na we amuzanira umukate n’umuvinyu. Yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+.
19 Maze aramuhezagira, avuga ati:
«Uragahezagirwa n’Imana Musumbavyose,
yo yaremye ijuru n’isi.
20 Hashemezwe kandi Imana Musumbavyose,
yo yatumye utsinda abansi bawe!»
Aburamu aca amuha ic’icumi c’ivyo yari yagaruje vyose+.
-