Itanguriro 3:14 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 14 Yehova Imana aca abwira iyo nzoka+ ati: «Ko wakoze ivyo, uravumwe mu bikoko vyose vy’ibitungano no mu bikoko vyose vyo mw’ishamba. Uzogenda urakwega inda hasi, kandi uzorya umukungugu ubuzima bwawe bwose. Yohani 8:44 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 44 Mwebwe muva kuri so Shetani*, kandi mushaka gukora ivyo so yipfuza+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango*+, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma+.
14 Yehova Imana aca abwira iyo nzoka+ ati: «Ko wakoze ivyo, uravumwe mu bikoko vyose vy’ibitungano no mu bikoko vyose vyo mw’ishamba. Uzogenda urakwega inda hasi, kandi uzorya umukungugu ubuzima bwawe bwose.
44 Mwebwe muva kuri so Shetani*, kandi mushaka gukora ivyo so yipfuza+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango*+, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma+.