44 Mwebwe muva kuri so Shetani+, kandi mushaka gushitsa ivyipfuzo vya so+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango+, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma+.