ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:43
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 43 Nezerwa mwa mahanga hamwe n’abantu biwe+,

      kuko azohora amaraso y’abasavyi biwe+,

      azokwihora abansi biwe+,

      kandi azotyorora* igihugu c’abantu biwe.»

  • Abaroma 12:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ntimwihore bakundwa, ahubwo mureke uburake bw’Imana bukore+, kuko vyanditswe ngo: «“Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko”, ni ko Yehova* avuze+.»

  • Ivyahishuwe 6:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Amatuye agashashara kagira gatanu, nca mbona munsi y’igicaniro+ amaraso*+ y’abishwe kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa co gushinga intahe bakoze+. 10 Baca barasemerera n’ijwi rirenga bati: «Mukama Segaba, wewe mweranda kandi w’ukuri+, uzorindira gucira urubanza ababa kw’isi gushika ryari no kubahora amaraso yacu+?»

  • Ivyahishuwe 19:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Inyuma y’ivyo, numva ikintu kimeze nk’ijwi rirenga ry’isinzi rinini riri mw’ijuru, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+! Ubukiriro, ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu, 2 kuko imanza zayo ari iz’ukuri kandi ziragororotse+. Yarashikije urubanza yaciriye wa mumaraya akomeye, umwe yonona isi akoresheje ubusambanyi* bwiwe, kandi yarahoye amaraso y’abashumba bayo uwo mumaraya yavishije*+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika