-
Ivyahishuwe 6:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Amatuye agashashara kagira gatanu, nca mbona munsi y’igicaniro+ amaraso*+ y’abishwe kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa co gushinga intahe bakoze+. 10 Baca barasemerera n’ijwi rirenga bati: «Mukama Segaba, wewe mweranda kandi w’ukuri+, uzorindira gucira urubanza ababa kw’isi gushika ryari no kubahora amaraso yacu+?»
-
-
Ivyahishuwe 19:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Inyuma y’ivyo, numva ikintu kimeze nk’ijwi rirenga ry’isinzi rinini riri mw’ijuru, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+! Ubukiriro, ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu, 2 kuko imanza zayo ari iz’ukuri kandi ziragororotse+. Yarashikije urubanza yaciriye wa mumaraya akomeye, umwe yonona isi akoresheje ubusambanyi* bwiwe, kandi yarahoye amaraso y’abashumba bayo uwo mumaraya yavishije*+.»
-