ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 4 rup. 18-21
  • Yezu aje azanye indemesho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu aje azanye indemesho
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ca Cabona Cizigirwa”
  • “Ariko arazanana n’ibicu”
  • “Alufa na Omega”
  • Ivyahishuwe birakuraba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Nimube Abasomyi Bahimbawe b’Igitabu c’Ivyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ibintu bitegerezwa kuba vuba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • “Alufa na Omega” ni nde?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 4 rup. 18-21

Ikigabane ca 4

Yezu aje azanye indemesho

1. Yohani aca yandikira bande, kandi ni nde akwiye kwitwararika cane ubutumwa atanga?

UMUNTU wese yifatanya n’amashengero y’abasavyi b’Imana muri iki gihe arakwiye kwitwararika cane ubutumwa buca bukurikira. Uko “igihe cashinzwe” cegereza, ubwo butumwa bugenda burahuza bimwe bidasanzwe n’ibiba. (Ivyahishuwe 1:3) Tuzokwironkera ivyiza bidahera nitwabugamburuka. Yohani yandika ati: “Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe mashengero indwi ari mu ntara ya Aziya: Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva kuri ‘Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza,’ no kuri za mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’ubwami yiwe, no kuri Yezu Kristu.”—Ivyahishuwe 1:4, 5a.

2. (a) Igitigiri “indwi” gisobanura iki? (b) Mu kiringo c’umusi w’Umukama, ubutumwa bubwirwa ya “mashengero indwi” bwerekeye bande?

2 Yohani yandikira “amashengero indwi,” kandi ubwo buhanuzi buraza kutubwira amazina yayo. Ico gitigiri “indwi” kiravugwa kenshi mu Vyahishuwe. Gisobanura ikintu cuzuye, na canecane mu bijanye n’Imana be n’ishengero ry’abarobanuwe. Kubera ko mu kiringo c’umusi w’Umukama amashengero y’abasavyi b’Imana hirya no hino kw’isi yongerekanye akarenga ibihumbi ijana, turashobora kwemera tudakeka ko ibibwirwa ya “mashengero indwi” y’abarobanuwe vyerekeye n’abasavyi b’Imana bose muri iki gihe. (Ivyahishuwe 1:10) Ego cane, Yohani arafitiye ubutumwa bukomeye amashengero yose y’Ivyabona vya Yehova hamwe n’abo bose bifatanya na bo hirya no hino kw’isi.

3. (a) “Ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro” Yohani avuga mu ndamutso yiwe bikomoka kuri nde? (b) Ni amajambo ayahe intumwa Paulo yavuze asa n’indamutso ya Yohani?

3 Ese ukuntu “ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro” ari kamere nziza, na canecane twibutse uwo zikomokako! ‘Uwo’ zikomokako ni Umukama Segaba Yehova ubwiwe, “wa Mwami w’ibihe bidahera” abaho “kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.” (1 Timoteyo 1:17; Zaburi 90:2) Haravugwa kandi “za mpwemu indwi,” iyo mvugo ikaba yerekeza ku kuntu inguvu zikora z’Imana, ari yo mpwemu nyeranda, zikora mu buryo bushitse zigatuma abitwararika ubwo buhanuzi bose bironkera ugutahura n’imihezagiro. Uwundi avugwa ni “Yezu Kristu,” uwo Yohani yahavuye yandika ibimwerekeye ati: “Yari yuzuye ubuntu ata wari abukwiriye be n’ukuri.” (Yohani 1:14) Indamutso ya Yohani rero irimwo ivyiyumviro bisa n’ivyo intumwa Paulo yakoresheje mu gusozera ikete rya kabiri yandikiye ishengero ry’i Korinto. Yavuze ati: “Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu n’urukundo rw’Imana be n’ugusangira impwemu nyeranda bibane namwe mwese.” (2 Abakorinto 13:14) Ese ayo majambo yovugwa kuri twese abakunda ukuri muri iki gihe!—Zaburi 119:97.

“Ca Cabona Cizigirwa”

4. Yohani abandanya adondora gute Yezu Kristu, kandi kubera iki ayo majambo akoresha abereye?

4 Nk’uko Yohani avyemeza, havuye Yehova Yezu ni we muntu ahambaye kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru. Avuga ko ari “‘ca Cabona Cizigirwa,’ ‘Imfura mu kuva mu bapfuye,’ n’‘Umutware w’abami b’isi.’” (Ivyahishuwe 1:5b) Nka kurya kw’ukwezi mw’ijuru, yarashimangiwe ngo abe Icabona nyamukuru gishinga intahe ko Yehova ari we Mana. (Zaburi 89:37) Amaze kuguma ari intahemuka gushika ku rupfu rwo kwitanga, yabaye uwa mbere mu bantu azuriwe kuronka ubuzima bw’impwemu budapfa. (Abakolosayi 1:18) Ubu aho ari iruhande ya Yehova, yarashizwe hejuru y’abami bose bo mw’isi, akaba yahawe “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi.” (Matayo 28:18; Zaburi 89:27; 1 Timoteyo 6:15) Mu 1914, yarimitswe aba Umwami ngo azoganze amahanga yo kw’isi.—Zaburi 2:6-9.

5. (a) Yohani abandanya gute gukengurukira Umukama Yezu Kristu? (b) Ni bande bungukira ku ngabirano Yezu yatanze y’ubuzima bwiwe butagira agasembwa, kandi ni umuhezagiro udasanzwe uwuhe abakirisu barobanuwe bironkera?

5 Yohani abandanya akengurukira Umukama Yezu Kristu yongera amushemeza, ati: “Umwe adukunda kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite​—kandi yatugize ubwami, abaherezi ku Mana yiwe ikaba na Data—egome, ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe vyose. Amen.” (Ivyahishuwe 1:5c, 6) Yezu yatanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa kugira abamwizera bashobore kuzoronka ubuzima butagira agasembwa. Na wewe musomyi mukundwa, urashobora kuba muri abo! (Yohani 3:16) Ariko rero, urupfu rwa Yezu rwo kwitanga rwaratumye abakirisu barobanuwe nka Yohani bashobora kuzoronka umuhezagiro udasanzwe. Bariswe abagororotsi hisunzwe incungu ya Yezu. Mu guheba ubuzima bwo kw’isi nk’uko Yezu yabigize, abagize ubusho buto baravyarwa n’impwemu y’Imana maze bakitega yuko nibazuka bazoba abami n’abaherezi bari kumwe na Yezu Kristu mu Bwami bwiwe. (Luka 12:32; Abaroma 8:18; 1 Petero 2:5; Ivyahishuwe 20:6) Ese ukuntu ari agateka ntangere! Ntibitangaje kubona Yohani yarikuguye yemeza ko ubuninahazwa n’ububasha ari ivya Yezu!

“Ariko arazanana n’ibicu”

6. (a) Yohani avuga iki ku bijanye n’ukuba Yezu “ariko arazanana n’ibicu,” kandi ivyo bishobora kuba vyamwibukije ubuhanuzi bwa Yezu ubuhe? (b) Yezu ‘aza’ mu buryo ubuhe, kandi ni bande bazokwicwa n’intuntu kw’isi?

6 Ubukurikira, Yohani atangaza n’akamwemwe ati: “Ehe ariko arazanana n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomubona, n’abamucumise bazomubona; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we. Egome, Amen.” (Ivyahishuwe 1:7) Nta gukeka ko ivyo vyibutsa Yohani ubuhanuzi Yezu yari yaravuze bujanye n’insozero y’ivy’isi. Ico gihe Yezu yavuze ati: “Maze ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizoboneka mw’ijuru, maze imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza iboroga, kandi bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.” (Matayo 24:3, 30) Yezu rero ‘aza’ mu buryo bw’uko yitwararika ibijanye no gushitsa urubanza Yehova yaciriye amahanga. Ivyo bizotuma kw’isi haba amahinduka akomeye, kandi kubera ko “imiryango yose yo kw’isi” itemera ko Yezu ari Umwami, izokwibonera “ishavu ry’uburake bw’Imana Mushoboravyose.”—Ivyahishuwe 19:11-21; Zaburi 2:2, 3, 8, 9.

7. Ni mu buryo ki ‘ijisho ryose rizobona’ Yezu, harimwo n’amaso y’abatagamburuka?

7 Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’abigishwa biwe, yababwiye ati: “Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona.” (Yohani 14:19) None ni mu buryo ki “ijisho ryose rizomubona”? Ntitwokwitega ko abansi ba Yezu bazomubona amaso mu yandi, kuko aho Yezu amariye kuduga mw’ijuru, intumwa Paulo yavuze ko ubu “aba mu muco utegerwa” be n’uko “ata n’umwe mu bantu yamubonye canke ashobora kumubona.” (1 Timoteyo 6:16) Biragaragara ko igihe Yohani yavuga ngo ‘kubona’ yashaka kuvuga “gutahura,” nka kurya nyene dushobora kubona canke gutahura kamere zitaboneka z’Imana biciye ku vyo yaremye. (Abaroma 1:20) Yezu ‘azanana n’ibicu’ mu buryo bw’uko abantu batazomubona n’amaso nka kurya nyene izuba ritaboneka igihe ripfutswe n’ibicu. N’igihe izuba riba ripfutswe n’ibicu ku murango, tuba tuzi ko ririho kubera ko tubona umuco waryo. Muri ubwo buryo nyene, naho Umukama Yezu atazobonwa n’amaso, azohishurwa nk’‘umuriro uyingana, niyihora abatagamburukira inkuru nziza imwerekeye.’ Na bo nyene bazobwirizwa “[ku]mubona.”—2 Abatesalonika 1:6-8; 2:8.

8. (a) Ni bande ‘bacumise’ Yezu mu 33 G.C., kandi ni bande babigira muri iki gihe? (b) Ko Yezu atakiri kw’isi, ni gute abantu bashobora ‘kumucumita’?

8 Yezu ‘azobonwa’ kandi n’“abamucumise.” None abo ni bande? Igihe Yezu yicwa mu 33 G.C., abasoda b’Abaroma baramucumise. Abayuda na bo nyene baragirwa n’ubwo bwicanyi kuko Petero yabwiye bamwe muri bo kuri Pentekoti ati: “Imana yamugize Umukama na Kristu, uwo Yezu mwebwe mwamanitse.” (Ivyakozwe 2:5-11, 36; gereranya na Zekariya 12:10; Yohani 19:37.) Abo Baroma n’Abayuda ubu haraheze nk’imyaka 2.000 bapfuye. Muri iki gihe rero, iyo mvugo ngo “abamucumise” itegerezwa kuba yerekeza ku mahanga no ku bantu bagaragaza ka gatima k’urwanko kagaragajwe igihe yamanikwa. Yezu ntakiri kw’isi. Ariko igihe abantu bahamye bivuye inyuma Ivyabona vya Yehova bashingira intahe Yezu, canke bagashigikira urwo ruhamo, ni nk’aho baba bariko ‘bacumita’ Yezu ubwiwe.—Matayo 25:33, 41-46.

“Alufa na Omega”

9. (a) Ni nde aca avuga, kandi avuga kangahe mu gitabu c’Ivyahishuwe? (b) Kuba Yehova yiyita “Alufa na Omega” be na “Mushoboravyose,” bisobanura iki?

9 Ubu hoho, ni igitangaza! Umukama Segaba Yehova ubwiwe aravuga. Ese ukuntu iyo ari intangamarara ibereye y’ibintu Yohani yeretswe bigiye gukurikira, narirya Yehova ari we Mwigisha wacu Ahambaye akaba na we Sôko nyamukuru ry’Ivyahishuwe! (Yesaya 30:20) Imana yacu ivuga iti: “Ndi Alufa na Omega, . . . Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza, Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 1:8) Iryo ni irya mbere mu ncuro zitatu Yehova ubwiwe avuga mu gitabu c’Ivyahishuwe ari mw’ijuru. (Raba kandi Ivyahishuwe 21:5-8; 22:12-15.) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bazi ko alufa na omega ari urudome rwa mbere n’urwanyu mu rutonde rw’indome z’ikigiriki. Mu gukoresha izo ndome zibiri, Yehova ariko arashimika ku ciyumviro c’uko ata Mana mushoboravyose yigeze kubaho imbere yiwe be n’uko ata yizobaho mu nyuma. Azotorera umuti rimwe rizima ca kibazo c’uwukwiye kuba Imana. Azogaragaza rimwe rizima ko ari we Mana mushoboravyose wenyene, Segaba Ruheta w’ivyo yaremye vyose.—Gereranya na Yesaya 46:10; 55:10, 11.

10. (a) Yohani aca yidondora gute, kandi yari apfungiwe hehe? (b) Ni bande bategerezwa kuba barafashije Yohani kurungikira amashengero umuzingo yanditse? (c) Muri kino gihe akenshi ibifungurwa vy’impwemu bitangwa gute?

10 Kubera ko Yohani yizigiye yuko Yehova azoyobora ibintu, abwira abashumba bagenziwe ati: “Jewe Yohani, mwene wanyu nkaba n’uwusangiye namwe amakuba n’ubwami n’ukwihangana mu kwifatanya na Yezu, nari mw’izinga ryitwa Patimo mporwa ukuvuga ivyerekeye Imana n’ugushingira intahe Yezu.” (Ivyahishuwe 1:9) Ari aho i Patimo apfungiwe ahorwa inkuru nziza, umutama Yohani arabona ica mbere mu bintu yeretswe dusanga mu Vyahishuwe, akaba ariko arihanganira ibigeragezo afatanije n’abavukanyi biwe kandi arizigiye adakeka ko azoba ari mu bagize Ubwami bugiye kuza. Nta gukeka ko aremeshwa cane n’ivyo bintu, nk’uko nyene muri iki gihe abagize umugwi wa Yohani baremeshwa no kubona iranguka ryavyo. Ntituzi ingene Yohani yarungikiye amashengero umuzingo w’Ivyahishuwe kuko ico gihe yari apfunzwe. (Ivyahishuwe 1:11; 22:18, 19) Abamarayika ba Yehova bategerezwa kuba barabimufashijemwo, nk’uko muri iki gihe bama bakingira Ivyabona vya Yehova b’abizigirwa bakorera mu bihugu igikorwa cacu kibujijwe, kugira bashobore kuronsa ku gihe abavukanyi babo ibifungurwa vy’impwemu baba bakeneye cane.—Zaburi 34:6, 7.

11. Muri iki gihe, abagize umugwi wa Yohani baha agaciro cane agateka akahe gasa n’ako Yohani yakenguruka?

11 Mbega ukuntu Yohani ategerezwa kuba yarakengurutse cane agateka yari afise ko gukoreshwa na Yehova kugira amenyeshe amakuru amashengero! Muri ubwo buryo nyene, abagize umugwi wa Yohani muri kino gihe baraha agaciro cane agateka bafise ko kuronsa inzu y’Imana “ibifungurwa [vy’impwemu] ku gihe kibereye.” (Matayo 24:45) Ese woba mu bakomezwa n’ivyo bifungurwa vy’impwemu kugira uze ushikire rya hangiro rininahaye ryo kuronka ubuzima budahera!—Imigani 3:13-18; Yohani 17:3.

[Uruzitiro ku rup. 21]

Bararonse ibifungurwa vy’impwemu mu bihe bitoroshe

Muri iyi misi ya nyuma aho Ivyabona vya Yehova bagiye bashikirwa n’uruhamo be n’ingorane bikomeye, vyarabaye nkenerwa ko baronka ibifungurwa vy’impwemu kugira bagume bakomeye mu kwizera. Akenshi ivyo bifungurwa bagiye barabironka bivuye ku bubasha bwa Yehova bwigaragaje mu buryo bukomeye.

Nk’akarorero, mu Budagi mu gihe c’intwaro ya Hitler, Ivyabona baragwiza bakongera bagakwiragiza amakopi y’Umunara w’Inderetsi, ico kinyamakuru kikaba cari kibujijwe n’abategetsi b’Abanazi b’imburakigongwe. I Hambourg, ca gipolisi Gestapo caraje gusaka inzu yakorerwamwo ico gikorwa co kugwiza ibinyamakuru. Nya nzu yari ntoyi, akaba ata wari kuronka aho anyegeza ikintu. Imashini yo kwandika yari mu kabati, kandi ibikoresho biremereye vy’imashini yo kugwiza ibinyamakuru vyari mu ngunguru yashirwamwo ibiraya mu nzu yo munsi. Vyongeye, inyuma y’iyo ngunguru hariho agasakoshi kuzuyemwo ibinyamakuru! Vyari vyoroshe cane kubona ivyo bintu. Ariko none vyagenze gute? Umupolisi yuguruye ako kabati, yakuguruye mu buryo atashobora kubona ya mashini yo kwandika. Ku bijanye na ya nzu yo munsi, nyeneyo avuga ati: “Ibaze nawe! Nya bapolisi batatu barahagaze hagati mu cumba, kandi aho nyene ni ho ya ngunguru yari, ya sakoshi yuzuye Iminara y’Inderetsi na yo ikaba yari inyuma yayo. Ariko nta n’umwe muri bo yasa n’uwuyibona; wamengo bafashwe n’uruhumyi.” Kubera ico kintu kidasanzwe cabaye, nyene iyo nzu yarashoboye kubandanya gutanga ibifungurwa vy’impwemu mu bihe bigoye kandi biteye akaga.

Mu myaka ya 1960, harabaye intambara y’abanyagihugu hagati ya Nijeriya n’intara ya Biafra yagomba kwiyonkora kuri ico gihugu. Kubera ko intara ya Biafra ikikujwe n’igihugu ca Nijeriya, uburyo bwonyene bwo kwinjirayo canke kuvayo yari indege. Ivyo vyasobanura ko Ivyabona bo muri iyo ntara bahakwa kutaronka ibifungurwa vy’impwemu. Mu ntango z’umwaka wa 1968, abategetsi b’i Biafra baragenye umwe mu bakozi ba Leta mw’ibanga rikomeye i Buraya, uwundi na we bamugena gukorera ku kibuga c’indege c’i Biafra. Abo bakozi bompi bari Ivyabona vya Yehova, bakaba rero bari ku mpande zompi z’uwo muhora wonyene wahuza Biafra n’utundi turere. Bompi barabonye ko Yehova ategerezwa kuba ari we yatumye biba. Baciye rero bemera igikorwa kitoroshe kandi gisaba kwiheba co kuza barashikana ibifungurwa vy’impwemu i Biafra, kandi ivyo barabikoze igihe cose intambara yamaze. Umwe muri bo yavuze ati: “Ico kintu cari kirengeye ivyo umuntu yokwiyumvira.”

[Igicapo ku rup. 19]

Ibitigiri vy’ikigereranyo vyo mu Vyahishuwe

Igitigiri Insobanuro

2 Gisobanura ko ikintu ari ntabanduka.

(Ivyahishuwe 11:3, 4; gereranya no Gusubira mu vyagezwe 17:6.)

3 Cerekana ugushimika canke ubukomezi.

(Ivyahishuwe 4:8; 8:13; 16:13, 19)

4 Cerekana ibintu bikwiye hose canke biringaniye

nka kurya kw’imfuruka z’ikwadarato.

(Ivyahishuwe 4:6; 7:1, 2; 9:14; 20:8; 21:16)

6 Cerekana ikintu kidatunganye, kitameze nk’ibindi, kibi cane.

(Ivyahishuwe 13:18; gereranya na 2 Samweli 21:20.)

7 Cerekana ikintu Imana ibona ko cuzuye, haba ku

bijanye n’imigambi ya Yehova canke ya Shetani.

(Ivyahishuwe 1:4, 12, 16; 4:5; 5:1, 6; 10:3, 4; 12:3)

10 Cerekana ikintu co kw’isi cikwiye canke cuzuye mu buryo bw’umubiri.

(Ivyahishuwe 2:10; 12:3; 13:1; 17:3, 12, 16)

12 Cerekana ishirahamwe ry’Imana haba mw’ijuru canke kw’isi.

(Ivyahishuwe 7:5-8; 12:1; 21:12, 16; 22:2)

24 Cerekana indinganizo nyinshi Yehova ashiraho kugira atunganye ibintu.

(Ivyahishuwe 4:4)

Ibitigiri bimwebimwe bivugwa mu Vyahishuwe bikwiye gufatwa ukwo nyene. Akenshi, ibiba biriko biravugwa biradufasha gutahura ico kintu. (Raba Ivyahishuwe 7:4, 9; 11:2, 3; 12:6, 14; 17:3, 9-11; 20:3-5.)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • Injira
    Rungika