10 Ivyo bimazi n’amashikanwa vyari bijanye gusa n’ibifungurwa n’ibinyobwa be n’ivyo kwiyuhagira no kwoza ibintu nk’uko bisabwa+. Vyari ibintu bisabwa n’amategeko bijanye n’ivy’umubiri+, kandi vyaragizwe itegeko gushika igihe cashinzwe co kugorora ibintu kigeze.