Abaheburayo
9 Iryo sezerano rya kera ryari rifise amategeko agenga igikorwa ceranda n’ahantu haryo heranda+ ho kw’isi. 2 Kuko hari harubatswe ihema. Mu cumba ca mbere harimwo ico baterekako amatara+ hamwe n’imeza be n’imikate y’ishikanwa* bayiterekako+, kikaba citwa Aheranda+. 3 Mugabo inyuma y’irido igira kabiri+ hari icumba c’ihema citwa Aheranda cane+. 4 Ico cumba carimwo agapanu k’inzahabu+ batuririramwo imibavu be n’isandugu y’isezerano+ ihometseko inzahabu hose+. Iyo sandugu yarimwo umubindi w’inzahabu urimwo manu+ na ya nkoni ya Aroni yanaga+ be na vya bisate+ vy’isezerano. 5 Hejuru yayo hari ba bakerubi bafise ubuninahazwa babera igitutu* umufuniko w’impongano*+. Mugabo ubu si co gihe co kuvuga ivyo bintu ido n’ido.
6 Ivyo bintu bimaze kwubakwa gutyo, abaherezi bama binjira mu cumba ca mbere c’ihema kugira bakore ibikorwa vyeranda+. 7 Mugabo rimwe mu mwaka, umuherezi mukuru arinjira mu cumba ca kabiri ari wenyene+. Ategerezwa kwinjirayo afise amaraso+ ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu+ bakoze mu kutamenya. 8 Gutyo impwemu nyeranda irerekana neza yuko inzira ija ahantu heranda itari bwahishurwe igihe rya hema rya mbere ryari rikiriho+. 9 Iryo hema rigereranya ivy’iki gihe+, kandi biciye kuri iyo ntunganyo, amashikanwa n’ibimazi biratangwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda agira ijwi ryo mu mutima ritagira akanenge+. 10 Ivyo bimazi n’amashikanwa vyari bijanye gusa n’ibifungurwa n’ibinyobwa be n’ivyo kwiyuhagira no kwoza ibintu nk’uko bisabwa*+. Vyari ibintu bisabwa n’amategeko bijanye n’ivy’umubiri+, kandi vyaragizwe itegeko gushika igihe cashinzwe co kugorora ibintu kigeze.
11 Ariko igihe Kristu yaza ari umuherezi mukuru w’ibintu vyiza bimaze kuba, yaciye mw’ihema rihambaye kuruta kandi ritunganye kuruta, ritakozwe n’amaboko, ni ukuvuga ritari iryo kw’isi. 12 Yarinjiye ahantu heranda, mugabo ntiyinjiranye amaraso y’impene n’ay’amashuri, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite+ rimwe rizima, maze biciye kuri we turonka ubukiriro* bw’ibihe bidahera+. 13 Nakare nimba amaraso y’impene n’ay’impfizi+ be n’iminyota y’ishashi* imijagirwa ku bahumanye vyeza umubiri bikawuhumanura+, 14 hari akantu amaraso ya Kristu+, umwe yishikanye ku Mana atagira akanenge* biciye ku mpwemu idahera. Amaraso yiwe arahumanura ijwi ryacu ryo mu mutima rigakira ibikorwa ata co bimaze*+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+.
15 Ni co gituma ari umuhuza w’isezerano rishasha+, kugira ngo abahamagawe baronke wa muhango w’intoranwa yamaho, kubera ko yapfuye ngo biciye ku ncungu+ babohorwe ibicumuro bakoze mu gihe c’isezerano rya kera+. 16 Kuko iyo umuntu agiranye isezerano n’Imana, umuntu yagize iryo sezerano abwirizwa gupfa, 17 kubera ko isezerano rigira ububasha habanje kuba urupfu*. Ntiryigera rikora iyo uwugize isezerano akiriho. 18 Ni co gituma n’isezerano rya kera ryagiye mu ngiro* habanje guseseka amaraso. 19 Musa amaze kubwira abantu bose amabwirizwa yose ari mu mategeko, yafashe amaraso y’amashuri n’ay’impene n’amazi n’ubwoya bw’agahama n’uduti twa ezobu, amijagira igitabu* c’isezerano n’abantu bose, 20 avuga ati: «Aya ni amaraso y’isezerano Imana ibategetse kwubahiriza+.» 21 Ihema be n’ibikoresho vyose vyakoreshwa igikorwa ceranda* na vyo nyene yabimijagiye amaraso+. 22 Emwe hisunzwe amategeko, ibintu nka vyose birahumanuzwa amaraso+, kandi hadasheshwe amaraso nta kubabarirwa kuhaba+.
23 Vyari nkenerwa rero yuko ivyo bintu vyagereranya+ ibintu vyo mw’ijuru bihumanurwa biciye kuri ivyo bimazi+. Mugabo ibintu vyo mw’ijuru ubwavyo bisaba guhumanurwa biciye ku bimazi vyiza kuruta ivyo. 24 Kuko Kristu atinjiye ahantu heranda hakozwe n’amaboko+ hagereranya ahantu heranda nyaho+, ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaho+, ku buryo ubu aduserukira imbere* y’Imana+. 25 Ivyo ntiyabigize kugira aze arishikana kenshi, nka kurya umuherezi mukuru yinjira ahantu heranda uko umwaka utashe+ afise amaraso atari ayiwe. 26 Ahandiho, yobwirijwe kubabara kenshi kuva isi ishingwa. Mugabo ubu yariyerekanye rimwe rizima ku nsozero y’ibihe* kugira akureho igicumuro biciye ku kimazi ciwe ubwiwe+. 27 Kurya nyene abantu bapfa rimwe rizima, mugabo mu nyuma bakazocirwa urubanza, 28 ni ko na Kristu yishikanye rimwe rizima kugira yikorere ibicumuro vya benshi+. Aho azobonekera irigira kabiri ntazoba azanywe n’ibicumuro*, kandi azobonwa n’abamurindiranye igishika kugira baronke ubukiriro+.