-
Abalewi 9:7-9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 Musa aca abwira Aroni ati: «Egera igicaniro utange ishikanwa ryawe ry’igicumuro+ n’ishikanwa ryawe riturirwa, wongere witangire impongano*+ mwe n’umuryango wawe. Uzoheza utange ishikanwa ry’abantu+ wongere ubatangire impongano+ nk’uko Yehova yategetse.»
8 Ubwo nyene Aroni aca yegera igicaniro, akerera ya shuri y’ishikanwa ryiwe ry’igicumuro+. 9 Hanyuma abahungu biwe bamuha amaraso yayo+, na we ayakozamwo urutoke maze ayasiga ku mahembe y’igicaniro. Ayasigaye aca ayasuka ku mushinge w’igicaniro+.
-