Abaheburayo
8 Mu vyo turiko turavuga rero, iciyumviro nyamukuru ni iki: dufise umuherezi mukuru mwene uyo+, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami ya Nyenicubahiro mw’ijuru+, 2 akaba ari umusuku* w’ahantu heranda+ no mw’ihema nyakuri ryashinzwe na Yehova*, ritashinzwe n’umuntu. 3 Mu bisanzwe, umuherezi mukuru wese agenwa kugira ashikane amashikanwa n’ibimazi. Ni co gituma vyari bikenewe ko uyo na we aronka ico ashikana+. 4 Iyo aba ari kw’isi, ntiyobaye umuherezi+ kuko hasanzwe hari abantu bashikana amashikanwa hisunzwe amategeko. 5 Igikorwa ceranda abo bantu bakora kigereranya ibintu vyo mw’ijuru+ kikaba n’igitutu cavyo+. Ivyo birerekanwa n’itegeko Imana yahaye Musa igihe yagira yubake ihema, kuko ivuga iti: «Vyose uze witwararike kubikora wisunze akarorero nakweretse ku musozi+.» 6 Mugabo ubu Yezu yaronse igikorwa* kirushirije kuba ciza cane, kubera ari n’umuhuza+ w’isezerano ryiza kuruta+ ryashinzwe mu buryo bwemewe hishimikijwe imihango myiza kuruta+.
7 Iyo iryo sezerano rya mbere riza kuba ritagira amahinyu, irya kabiri ntiryokenewe+. 8 Kuko yerekana ko abantu bafise amahinyu igihe ivuga iti: «Yehova* avuze ati: “Mu misi iri imbere, nzogirana isezerano rishasha n’Abisirayeli be n’abo mu Buyuda. 9 Ntirizoba rimeze nka rya sezerano nagirana na ba sekuruza ku musi nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Misiri+. Kubera ko batagumye mw’isezerano ryanje, naciye ndeka kubitwararika”, ni ko Yehova* avuze.»
10 «“Kuko iri ari ryo sezerano nzogirana n’Abisirayeli inyuma y’iyo misi”, ni ko Yehova* avuze. “Nzoshira amategeko yanje mu bwenge* bwabo, ndayandike mu mitima yabo+. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+.
11 Nta wuzosubira kwigisha umwenegihugu mugenziwe canke mwenewabo, ababwira ngo: ‘Nimumenye Yehova*!’, kuko bose bazomenya kuva ku muto muri bo gushika ku mukuru. 12 Nzobabarira ibintu bitagororotse bakoze, kandi ibicumuro vyabo sinzosubira kuvyibuka+.”»
13 Igihe ivuga ngo «isezerano rishasha», irya kera iba irigize iryataye igihe+. Ikintu rero cataye igihe kandi kiriko kirasaza kiba kiri mu kuvaho+.