Abaheburayo
10 Kubera ko amategeko ari igitutu+ c’ibintu vyiza bizoza+, atari ivyo bintu nyezina, ntashobora* kwigera atuma abegera Imana baba abatagira akanenge+ hakoreshejwe vya bimazi nyene biguma bishikanwa ku mwaka ku mwaka. 2 Ahandiho ibimazi vyari kureka gutangwa, kubera ko abakora igikorwa ceranda batosubiye kugira ijwi ryo mu mutima ribagiriza icaha bamaze guhumanurwa. 3 Ahubwo ivyo bimazi vyibutsa abantu buri mwaka ko ari abacumuzi+, 4 kuko bidashoboka ko amaraso y’impfizi n’ay’impene akuraho ibicumuro.
5 Ni co gituma igihe yaza mw’isi yavuze ati: «“Ibimazi n’amashikanwa ntiwabishatse, mugabo wanteguriye umubiri. 6 Ntiwashimye amashikanwa aturirwa uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro+.” 7 Ndaheza mvuga nti: “Ehe ndaje (ni ko vyanditswe mu muzingo* ku binyerekeye) ewe Mana yanje, nje gukora ivyo ugomba+.”» 8 Yabanje kuvuga ngo: «Ibimazi n’amashikanwa, n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro ntiwabishatse canke ngo ubishime», ivyo bikaba ari ibimazi vyashikanwa hisunzwe amategeko. 9 Hanyuma aca avuga ati: «Ehe ndaje gukora ivyo ugomba+.» Akuraho ivya mbere kugira ashinge ivya kabiri. 10 Kubera ukwo «kugomba+», twarejejwe biciye ku mubiri wa Yezu Kristu washikanywe rimwe rizima+.
11 Vyongeye, umuherezi wese atonda mu kibanza ciwe ku musi ku musi kugira akore igikorwa ceranda*+ no kugira agume ashikana vya bimazi nyene+ bidashobora kwigera bikuraho ibicumuro buhere+. 12 Mugabo uwo muntu yashikanye ikimazi kimwe c’ibicumuro ku bw’ibihe vyose, hanyuma yicara iburyo bw’Imana+. 13 Kuva ubwo yaciye arindira ko abansi biwe bagirwa nk’intebe y’ibirenge vyiwe+. 14 Kuko biciye ku kimazi kimwe yatanze, yatumye abariko barezwa baba abatunganye+ ibihe vyose. 15 Vyongeye, impwemu nyeranda na yo nyene iradushingira intahe kuko ibanza kuvuga iti: 16 «“Iri ni ryo sezerano nzogirana na bo inyuma y’iyo misi”, ni ko Yehova* avuze. “Nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, ndayandike mu bwenge* bwabo+.”» 17 Irongera ikavuga iti: «“Sinzosubira kwibuka ibicumuro vyabo n’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji+.”» 18 Igihe Imana rero ibabariye ivyo bintu, nta shikanwa ry’igicumuro riba rigitangwa.
19 Ku bw’ivyo bavukanyi, turashobora guca mu nzira yinjira ahantu heranda+ ata bwoba dufise* biciye ku maraso ya Yezu. 20 Iyo nzira yayitwugururiye* ari inzira nshasha kandi nzima ica muri ya rido+, ari wo mubiri wiwe. 21 Vyongeye, turafise umuherezi akomeye aganza inzu y’Imana+. 22 Twegere rero Imana dufise imitima itagira uburyarya be n’ukwizera gukwiye, dufise n’imitima yamijagiwe ikozwa ijwi ribi ryo mu mutima+, n’imibiri yacu ikuhagizwa amazi atyoroye+. 23 Dushishikare kuvugira ku mugaragaro icizigiro cacu tudahungabana+, kuko uwaduhaye umuhango ari umwizigirwa. 24 Kandi twiyumvirane* kugira duterane intege zo gukundana* no gukora ibikorwa vyiza+. 25 Ntiduhebe gukoranira hamwe+ nk’uko bamwe bahora babigira, ahubwo turemeshanye+ kandi turushirize kubigira uko tubona wa musi wegereza+.
26 Kuko tugiye turacumura n’ibigirankana tumaze kumenya neza ukuri+, ata kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye+. 27 Ahubwo ikiba gisigaye ni ukwitegana ubwoba urubanza n’ishavu rirurumba rigiye kuyigiza abarwanya Imana+. 28 Umuntu wese akengereye amategeko ya Musa aricwa ata kagongwe, habonetse ivyabona bibiri canke bitatu+. 29 None umuntu ahonyanze Umwana w’Imana, agafata ibisanzwe amaraso y’isezerano+ yatumye yezwa, akongera agatuka ya mpwemu y’ubuntu buhebuje* n’akagaye n’akantu, wiyumvira ko atazoronka igihano kiruta ico+? 30 Kuko tuzi uwavuze ati: «Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko.» Yavuze kandi ati: «Yehova* azocira urubanza abantu biwe+.» 31 Birateye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.
32 Ariko mugume mwibuka imisi ya kera, hamwe mwihanganira urugamba rukomeye mu mibabaro inyuma y’aho mumariye kumurikirwa+. 33 Hari igihe mwashirwa ku mugaragaro* mugatukwa, mukagira n’amakuba. Hari n’igihe mwifatanya n’abariko* barashikirwa na mwene ivyo bintu. 34 Mwarerekanye ko mubabarana n’abari mw’ibohero, kandi mwaremeye munezerewe gusahurwa ivyanyu+, muzi yuko mwebwe ubwanyu mufise itunga ryiza kuruta kandi riramba+.
35 Ntimutakaze rero ubutinyutsi mufise*, bumwe buzotuma muhabwa impembo nini+. 36 Murakeneye ukwihangana+, kugira ngo mumaze gukora ivyo Imana igomba mubone iranguka ry’ivyasezeranywe. 37 Kuko hasigaye «akanya gato cane+», kandi «umwe ariko araza azoshika kandi ntazoteba+.» 38 «Mugabo umusavyi wanje w’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+», kandi «niyasubira inyuma ntazompimbara*+.» 39 Twebwe rero ntituri muri bamwe basubira inyuma ngo bahone+, ahubwo turi muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima.