18 Amaherezo uwo mwaka urarangira, hanyuma batangura kuza kuri we mu mwaka ukurikira bamubwira bati: “Ntitwohisha umukama wanje yuko amahera n’ubusho bw’ibitungwa vyarangiriye ku mukama wanje+. Nta gisigaye imbere y’umukama wanje atari imibiri yacu n’amatongo yacu+.