8 Kandi ntanze itegeko+ ku vyo muzokorera abo bagabo b’inararibonye b’Abayuda, kugira ngo iyo nzu y’Imana isubire kwubakwa; abo bagabo bazoze barahabwa+ bidatevye amahera yo gukoresha avuye mu kigega c’umwami+ c’ikori ritozwa hakurya ya rwa Ruzi, bayahabwe ubudasiba+.