-
Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyagezwe vya MusaUmunara w’Inderetsi—2003 | 15 Ntwarante
-
-
Bite ho ku vyerekeye Abakirisu b’Abayuda?
12. Ni ikibazo ikihe casigaye kidatorewe inyishu?
12 Inama nyobozi yari yaseruye mu buryo butomoye yuko bitari bikenewe ko Abanyamahanga bacitse Abakirisu barinda gukebwa. Ariko bite ho ku vyerekeye Abakirisu b’Abayuda? Ingingo inama nyobozi yari yafashe ntiyasigura mu buryo butomoye uwo muce wa nya kibazo.
13. Ni kubera iki umuntu yaba yihenze yemeje yuko kwitondera Ivyagezwe vya Musa vyari ngombwa kugira umuntu aronke ubukiriro?
13 Abakirisu bamwebamwe b’Abayuda bari n’“ishaka ry’ivyagezwe” babandanije gukeba abana babo no gukurikiza imice imwimwe y’Ivyagezwe. (Ivyakozwe 21:20) Abandi na bo barashitse kure, gushika n’aho bashimika bavuga yuko vyari ngombwa ko Abakirisu b’Abayuda bakurikiza Ivyagezwe kugira ngo bakizwe. Mu kwiyumvira gutyo, bari bihenze bimwe bikomeye. Nk’akarorero, vyari gushoboka gute ko Umukirisu wese atanga ikimazi c’igitungwa kugira ngo aharirwe ivyaha? Inkuka ya Kirisitu yari yatumye amashikanwa nk’ayo aba ay’atakigira akamaro. Tuvuge iki ku vyerekeye ca kintu casabwa n’Ivyagezwe c’uko Abayuda birinda kugiranira ubucuti bwa hafi n’Abanyamahanga? Vyari kugora cane abamamaji b’Abakirisu b’abanyamwete kwubahiriza ivyo bari barabujijwe, ngo bongere bagume bashitsa ibanga ryo kwigisha Abanyamahanga ibintu vyose Yezu yari yarigishije. (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe 1:8; 10:28)a Nta kimenyamenya cerekana yuko ico kibazo catomowe mw’ikoraniro inama nyobozi yagize. Mugabo, ishengero ntiryagumye gutyo.
-
-
Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyagezwe vya MusaUmunara w’Inderetsi—2003 | 15 Ntwarante
-
-
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 24]
Paulo ahangana n’ikigeragezo abigiranye ukwicisha bugufi
Inyuma y’aho Paulo agiriye urugendo rw’ubumisiyonari rukererwa, yarashitse i Yeruzalemu mu 56 G.C. Ngaho, hari ikigeragezo cari kimurindiriye. Amakuru avuga yuko yari yamye yigisha ko Ivyagezwe bitari bigikurikizwa, yari yamaze gushika muri iryo shengero. Abagabo b’inararibonye bari bafise ubwoba bw’uko Abayuda baherutse guhindukirira ubukirisu, botsitajwe n’ugushira amanga kwa Paulo ku bijanye n’Ivyagezwe kandi yuko boshitse ku ciyumviro c’uko Abakirisu batubaha intunganyo Yehova yashizeho. Muri iryo shengero, hariho Abakirisu bane b’Abayuda bari baragize indagano, kumbure ikaba yari iyo kuba Abanaziri. Bategerezwa kuja ku rusengero kugira ngo bashitse ivyo basabwa n’iyo ndagano.
Ba bagabo b’inararibonye barasavye Paulo guherekeza ba bantu bane ku rusengero no kwitwararika kuriha ivyo bakoresha. Paulo yari amaze kwandika n’imiburiburi amakete abiri, aho yemeza yuko gukurikiza Ivyagezwe atari igisabwa kugira ngo umuntu aronke ubukiriro. Ariko rero, yarubahirije ijwi ryo mu mutima ry’abandi. Imbere y’aho, yari yanditse ati: “Ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo . . . kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe.” (1 Ab’i Korinto 9:20-23) Naho Paulo atigeze adohoka ku ngingo ngenderwako zihambaye zo mu Vyanditswe, yarabonye yuko ashobora kwemera inama agiriwe n’abo bagabo b’inararibonye. (Ivyakozwe 21:15-26) Abigize nta kosa ryarimwo. Nta kintu na kimwe gihushanye n’ivyanditswe cari muri iyo ntunganyo yerekeye indagano, kandi urusengero rwakoreshwa ku bw’ugusenga gutyoroye, ntirwakoreshwa ku bw’ugusenga ibigirwamana. Kugira ngo ntihagire uwo atsitaza, Paulo yaciye rero agira nk’uko bamusavye. (1 Ab’i Korinto 8:13) Nta gukeka ko ivyo vyasaba ko Paulo agira ukwicisha bugufi kwinshi, kikaba ari ikintu gituma turushiriza kumushima.
-