-
Yezu aje azanye indemeshoIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
1. Yohani aca yandikira bande, kandi ni nde akwiye kwitwararika cane ubutumwa atanga?
UMUNTU wese yifatanya n’amashengero y’abasavyi b’Imana muri iki gihe arakwiye kwitwararika cane ubutumwa buca bukurikira. Uko “igihe cashinzwe” cegereza, ubwo butumwa bugenda burahuza bimwe bidasanzwe n’ibiba. (Ivyahishuwe 1:3) Tuzokwironkera ivyiza bidahera nitwabugamburuka. Yohani yandika ati: “Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe mashengero indwi ari mu ntara ya Aziya: Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva kuri ‘Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza,’ no kuri za mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’ubwami yiwe, no kuri Yezu Kristu.”—Ivyahishuwe 1:4, 5a.
-
-
Yezu aje azanye indemeshoIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
3. (a) “Ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro” Yohani avuga mu ndamutso yiwe bikomoka kuri nde? (b) Ni amajambo ayahe intumwa Paulo yavuze asa n’indamutso ya Yohani?
3 Ese ukuntu “ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro” ari kamere nziza, na canecane twibutse uwo zikomokako! ‘Uwo’ zikomokako ni Umukama Segaba Yehova ubwiwe, “wa Mwami w’ibihe bidahera” abaho “kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.” (1 Timoteyo 1:17; Zaburi 90:2) Haravugwa kandi “za mpwemu indwi,” iyo mvugo ikaba yerekeza ku kuntu inguvu zikora z’Imana, ari yo mpwemu nyeranda, zikora mu buryo bushitse zigatuma abitwararika ubwo buhanuzi bose bironkera ugutahura n’imihezagiro. Uwundi avugwa ni “Yezu Kristu,” uwo Yohani yahavuye yandika ibimwerekeye ati: “Yari yuzuye ubuntu ata wari abukwiriye be n’ukuri.” (Yohani 1:14) Indamutso ya Yohani rero irimwo ivyiyumviro bisa n’ivyo intumwa Paulo yakoresheje mu gusozera ikete rya kabiri yandikiye ishengero ry’i Korinto. Yavuze ati: “Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu n’urukundo rw’Imana be n’ugusangira impwemu nyeranda bibane namwe mwese.” (2 Abakorinto 13:14) Ese ayo majambo yovugwa kuri twese abakunda ukuri muri iki gihe!—Zaburi 119:97.
“Ca Cabona Cizigirwa”
4. Yohani abandanya adondora gute Yezu Kristu, kandi kubera iki ayo majambo akoresha abereye?
4 Nk’uko Yohani avyemeza, havuye Yehova Yezu ni we muntu ahambaye kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru. Avuga ko ari “‘ca Cabona Cizigirwa,’ ‘Imfura mu kuva mu bapfuye,’ n’‘Umutware w’abami b’isi.’” (Ivyahishuwe 1:5b) Nka kurya kw’ukwezi mw’ijuru, yarashimangiwe ngo abe Icabona nyamukuru gishinga intahe ko Yehova ari we Mana. (Zaburi 89:37) Amaze kuguma ari intahemuka gushika ku rupfu rwo kwitanga, yabaye uwa mbere mu bantu azuriwe kuronka ubuzima bw’impwemu budapfa. (Abakolosayi 1:18) Ubu aho ari iruhande ya Yehova, yarashizwe hejuru y’abami bose bo mw’isi, akaba yahawe “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi.” (Matayo 28:18; Zaburi 89:27; 1 Timoteyo 6:15) Mu 1914, yarimitswe aba Umwami ngo azoganze amahanga yo kw’isi.—Zaburi 2:6-9.
5. (a) Yohani abandanya gute gukengurukira Umukama Yezu Kristu? (b) Ni bande bungukira ku ngabirano Yezu yatanze y’ubuzima bwiwe butagira agasembwa, kandi ni umuhezagiro udasanzwe uwuhe abakirisu barobanuwe bironkera?
5 Yohani abandanya akengurukira Umukama Yezu Kristu yongera amushemeza, ati: “Umwe adukunda kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite—kandi yatugize ubwami, abaherezi ku Mana yiwe ikaba na Data—egome, ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe vyose. Amen.” (Ivyahishuwe 1:5c, 6) Yezu yatanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa kugira abamwizera bashobore kuzoronka ubuzima butagira agasembwa. Na wewe musomyi mukundwa, urashobora kuba muri abo! (Yohani 3:16) Ariko rero, urupfu rwa Yezu rwo kwitanga rwaratumye abakirisu barobanuwe nka Yohani bashobora kuzoronka umuhezagiro udasanzwe. Bariswe abagororotsi hisunzwe incungu ya Yezu. Mu guheba ubuzima bwo kw’isi nk’uko Yezu yabigize, abagize ubusho buto baravyarwa n’impwemu y’Imana maze bakitega yuko nibazuka bazoba abami n’abaherezi bari kumwe na Yezu Kristu mu Bwami bwiwe. (Luka 12:32; Abaroma 8:18; 1 Petero 2:5; Ivyahishuwe 20:6) Ese ukuntu ari agateka ntangere! Ntibitangaje kubona Yohani yarikuguye yemeza ko ubuninahazwa n’ububasha ari ivya Yezu!
-