Zaburi
Ku muyobozi. “Ntuhonye.” Ni izaburi ya Dawidi. Mikitamu. Igihe yahunga kubera Sauli, akaja mw’isenga+.
57 Ngirira ubutoni, ewe Mana, ngirira ubutoni+,
Kuko muri wewe ari ho mpungiye+;
Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho mpungiye gushika amarushwa arenganye+.
2 Mpamagara Imana Musumbavyose, ya Mana y’ukuri iyarangiza ku bwanje+.
3 Izotuma iri mw’ijuru, inkize+.
Ntizobura kuvurunganya uwurondera kunsūmira n’umunwa+. Sela.
Imana izotuma ubuntu bwuzuye urukundo bwayo be n’ukuri kwayo+.
4 Ubuzima bwanje buri hagati y’intambwe+;
Nta kundi ndi bugire atari ukuryama mu birotsanyi, abana b’abantu,
Amenyo yabo akaba ari amacumu n’imyampi+,
Ururimi rwabo na rwo rukaba ari inkota ikarishe+.
6 Bateguriye urusenga intambuko zanje+;
Umutima wanje wajondamye+.
Bimvye icobo c’umutego imbere yanje;
Baguye hagati muri co+. Sela.
8 Ikangure, ewe buninahazwa bwanje+!
Ikangure, ewe gicurarangisho c’imirya; na wewe nyene, ewe nanga+!
Nzokangura umutwenzi.