Habakuki
3 Isengesho rya Habakuki umuhanuzi, mu turirimbo tw’intimba: 2 Ewe Yehova, narumvise inkuru yawe+. Ewe Yehova, naratinye igikorwa cawe+.
Nukigire kizima hagati muri iyi myaka! Nukimenyekanishe hagati muri iyi myaka. Mu gihe c’umudugararo, niwibuke kugira imbabazi+!
3 Imana yaraje ivuye i Temani, egome, Umweranda aza avuye ku musozi Parani+. Sela*+.
Iteka ryiwe ryarapfutse amajuru+; kandi isi yaruzuye ishemezo ryiwe+.
4 Nayo ukwakaka kwiwe, kwabaye nk’umuco+. Yari afise imishwarara ibiri yava mu kuboko kwiwe, kandi aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegejwe+.
5 Ikiza caguma kigendera imbere yiwe+, inyonko iturira igakurikira ibirenge vyiwe+.
6 Yarahagaze kugira anyiganyize isi+. Yararāvye, asimbasimbisha amahanga+.
Imisozi y’ibihe bidahera yaramenaguritse+; imirambi yamaho igihe kitagira urugero yarunamye+. Izo ni zo nzira ziwe za kera.
7 Nabonye amahema ya Kushi ari mu marushwa. Ibitambara vy’amahema vy’igihugu ca Midiyani+ bitangura guhinda agashitsi+.
8 Mbega inzuzi, ewe Yehova, mbega inzuzi ni zo ishavu ryawe ryarurumbiye+, canke ikiyaga ni co ufitiye uburake+? Kuko wagendeye ku mafarasi yawe+; imikogote yawe yabaye ubukiriro+.
9 Umuheto wawe urapfukuwe usigara uri gusa+. Indahiro z’imiryango ni co kintu cavuzwe+. Sela. Isi wayisatuje inzuzi+.
10 Imisozi yarakubonye, ifatwa n’ububabare bukaze+. Igihuhusi kirimwo imituragaro cararenganye. Inyenga y’amazi yarumvikanishije ijwi ryayo+. Yaradugije hejuru amaboko yayo.
11 Izuba n’ukwezi vyarahagaze+ mu buraro bwavyo buhanitse+. Imyampi yawe yagumye igenda nk’umuco+. Ukuravya kw’icumu ryawe kwarabonesha+.
12 Wagendagenda mw’isi uratse. Wakubita amahanga nk’uko bakubita intete, washavuye+.
13 Wasohotse kuronsa ubukiriro abantu bawe+, gukiza uwo warobanuje amavuta*. Waramenaguye umukuru w’inzu y’umubisha+. Yarasambuwe gushika no hejuru, umushinge usigara uri ahabona+. Sela.
14 Wacumitishije+ umukuru w’abarwanyi biwe inkoni ziwe bwite igihe baguma baja imbere nk’igihuhusi ngo banshwiragize+. Akamwemwe kabo kari nk’ak’abiyemeje kurokereza umurushwa mu bwihisho+.
15 Waciye mu kiyaga n’amafarasi yawe, mu kigunguzi c’amazi menshi+.
16 Naravyumvise, mu nda yanje haradobangana; ijwi ryaravuze iminwa yanje ica iradegedwa; ububore bwaciye butangura kwinjira mu magufa yanje+; nuko mpinda agashitsi muri ivyo bintu narimwo, kugira ndindire umusi w’amarushwa+ ntekanye, igihe uzodugira abantu+ kugira ubatere.
17 Naho igiti c’umusukoni kitoshurika+, n’umwimbu ntuboneke ku mizabibu; naho igikorwa c’igiti c’umwelayo coba koko impfagusa, n’imikobeko ntiyimbuke ibifungurwa+; naho umukuku wohona koko mu ruhongore rw’ibitungwa, kandi mu ngo ntihabemwo ubusho+;
18 Na ho nyene jewe nzokwigina Yehova+; nzonezererwa Imana y’ubukiriro bwanje+.