Abaroma
7 Vyoba bishoboka ko mutazi ga bene wacu (kuko ndiko mbwira abazi itegeko), ko Itegeko riganza umuntu igihe akiriho+? 2 Nk’akarorero, umugore yubatse aboherwa n’itegeko ku mugabo wiwe igihe uno akiri muzima; mugabo iyo umugabo wiwe apfuye, aba abohowe itegeko ry’umugabo wiwe+. 3 Igihe rero umugabo wiwe akiriho, yokwitwa uwurenga ibigo hamwe yotwarwa n’uwundi mugabo+. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba akuweko itegeko ry’umugabo, ntabe abaye uwurenga ibigo igihe atwawe n’uwundi mugabo+.
4 Nuko rero, bavukanyi banje, na mwebwe nyene mwaragizwe abapfuye kw’Itegeko+ biciye ku mubiri wa Kristu, ngo mucike ab’uwundi+, ab’umwe yazurwa mu bapfuye+, kugira ngo twamire ivyamwa+ Imana. 5 Kuko igihe twabaho duhuza n’umubiri+, inambu z’umubiri zihengamiye ku gicumuro zakaburwa n’Itegeko zarakora mu bihimba vyacu kugira ngo twamire ivyamwa urupfu+. 6 Mugabo ubu twarabohowe Itegeko+, kubera ko twapfuye+ kuri kirya twari twarafatishijwe, kugira ngo tube abashumba+ mu buryo bushasha biciye ku mpwemu+, atari mu buryo bwa kera biciye ku mategeko yanditse+.
7 None rero tuvuge iki? Mbega Itegeko ni igicumuro+? Ntibikabe! Mu vy’ukuri simba naramenye igicumuro+ iyo hataba Itegeko; kandi nk’akarorero, simba naramenye umwina+ ico ari co iyo Itegeko ritavuga riti: “Ntukagire umwina+.” 8 Mugabo igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa+, carazanye muri jewe umwina w’ubwoko bwose, kuko igihe ata tegeko ryariho igicumuro cari capfuye+. 9 Nkako, kera nari muzima ata tegeko+; mugabo aho ibwirizwa rishikiye+, igicumuro carasubiye kuba kizima, mugabo jewe ndapfa+. 10 Kandi ibwirizwa ryajana ku buzima+, nasanze rijana ku rupfu+. 11 Kuko igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa, carandyosharyosheje+ kiranyica biciye kuri ryo. 12 Ni co gituma Itegeko ryoryo ari ryeranda+, kandi ibwirizwa ni ryeranda n’irigororotse+ rikaba na ryiza+.
13 None iciza cacitse urupfu kuri jewe? Ntibikabe! Ahubwo ni igicumuro, kugira ngo cerekanwe nk’igicumuro kinzanira urupfu biciye ku ciza+; kugira ngo igicumuro kirushirize gucika igicumuzi biciye kw’ibwirizwa+. 14 Kuko tuzi ko Itegeko ari iry’impwemu+; mugabo jewe ndi uw’umubiri, nagurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro+. 15 Kuko ico nkora ata co nzi. Kuko ico nshaka atari co nguma nkora; mugabo ico nanka ni co nkora. 16 Ariko nimba ico ntashaka ari co nkora+, ndemera yuko Itegeko ari ryiza+. 17 Mugabo ubu uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+. 18 Kuko nzi yuko muri jewe, ni ukuvuga mu mubiri wanje, ata ciza na kimwe kibayo+; kuko ubushobozi bwo gushaka+ buri kumwe nanje, mugabo ubushobozi bwo gukora+ iciza ntabwo. 19 Kuko iciza nshaka atari co nkora+, mugabo ikibi ntashaka kikaba ari co nguma nkora. 20 Nimba rero ico ntashaka ari co nkora, uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+.
21 Mbona rero iri tegeko ku binyerekeye: ni uko iyo nshatse gukora ikigororotse+, ikibi kibana nanje+. 22 Mu vy’ukuri ndahimbarwa+ n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu+ ndi imbere muri jewe ari, 23 mugabo mbona mu bihimba vyanje+ irindi tegeko+ rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje+ rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro+ riri mu bihimba vyanje. 24 Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu+? 25 Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu+! Nuko rero, mu muzirikanyi wanje jewe ndi umushumba w’itegeko ry’Imana+, mugabo mu mubiri wanje nkaba umushumba w’itegeko ry’igicumuro+.