116 Ndakunda Yehova,
kuko yumva ijwi ryanje n’ugutabaza kwanje+.
2 Kuko antega ugutwi+,
kandi nzomutabaza igihe cose nzoba nkiriho.
3 Imigozi y’urupfu yari yankikuje.
Nari nashitse mu vyara vy’urupfu+.
Nari narengewe n’intuntu be n’umubabaro+.
4 Ariko naciye nambaza izina rya Yehova+ nti:
«Ewe Yehova, nuntabare!»
5 Yehova ni umunyempuhwe kandi aragororotse+.
Imana yacu yuzuye imbabazi+.
6 Yehova arakingira abantu batazi utuntu n’utundi+.
Nari ngeze habi, na we aca arankiza.
7 Mutima wanje, subira wiruhukire,
kuko Yehova yangiriye neza.
8 Warankijije urupfu,
amaso yanje uyarinda amosozi, ibirenge vyanje ubirinda gutsitara+.
9 Nzogendera imbere ya Yehova mu gihugu c’abazima.
10 Narizeye, ni co gituma navuze+.
Nari narengewe n’umubabaro.
11 Igihe nari nataye umutwe, navuze nti:
«Abantu bose ni ababeshi+.»
12 Nzokwishura iki Yehova
ku vyiza vyose yangiriye?
13 Nzotora igikombe c’ubukiriro,
kandi nzokwambaza izina rya Yehova.
14 Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova,
imbere y’abantu biwe bose+.
15 Urupfu rw’intahemuka za Yehova
ni urw’agaciro mu maso yiwe+.
16 Ewe Yehova, ndagutakambira
kuko ndi umusavyi wawe.
Ndi umusavyi wawe, umwana w’umusukukazi wawe.
Warankuye mu migozi yari imboshe+.
17 Nzogushikanira ikimazi co gukenguruka+,
kandi nzokwambaza izina rya Yehova.
18 Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova+,
imbere y’abantu biwe bose+,
19 mu bigo vy’inzu ya Yehova+,
hagati ya Yeruzalemu.
Shemeza Yehova+!