ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 116
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Indirimbo yo gukenguruka

        • «Nzokwishura iki Yehova?» (12)

        • «Nzotora igikombe c’ubukiriro» (13)

        • «Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova» (14, 18)

        • Urupfu rw’intahemuka ni urw’agaciro (15)

Zaburi 116:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 18:6

Zaburi 116:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kuko yunama akanyumviriza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 34:15

Zaburi 116:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 38:10
  • +Zb 18:4; 38:6

Zaburi 116:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 34:6; Rm 10:13

Zaburi 116:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umunyabuntu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:4
  • +Kv 34:6; Neh 9:17; Dn 9:9

Zaburi 116:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 19:7

Zaburi 116:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 56:13; 94:18

Zaburi 116:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Kr 4:13

Zaburi 116:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 3:4

Zaburi 116:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2009, rup. 29

Zaburi 116:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubukiriro buhambaye.»

Zaburi 116:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 22:25; Yon 2:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2009, rup. 29

Zaburi 116:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «rurahambaye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:29; Yb 1:12; Zb 91:14; Zk 2:8; 2Pt 2:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2012, rup. 30

    15/5/2012, rup. 22

    1/9/2006, rup. 14

Zaburi 116:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 107:14

Zaburi 116:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 7:12; Zb 50:23

Zaburi 116:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 22:25; 76:11
  • +Zb 116:14

Zaburi 116:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 96:8
  • +Ivh 19:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 116:1Zb 18:6
Zab. 116:2Zb 34:15
Zab. 116:3Yes 38:10
Zab. 116:3Zb 18:4; 38:6
Zab. 116:4Zb 34:6; Rm 10:13
Zab. 116:5Gus 32:4
Zab. 116:5Kv 34:6; Neh 9:17; Dn 9:9
Zab. 116:6Zb 19:7
Zab. 116:8Zb 56:13; 94:18
Zab. 116:102Kr 4:13
Zab. 116:11Rm 3:4
Zab. 116:14Zb 22:25; Yon 2:9
Zab. 116:151Sm 25:29; Yb 1:12; Zb 91:14; Zk 2:8; 2Pt 2:9
Zab. 116:16Zb 107:14
Zab. 116:17Lw 7:12; Zb 50:23
Zab. 116:18Zb 22:25; 76:11
Zab. 116:18Zb 116:14
Zab. 116:19Zb 96:8
Zab. 116:19Ivh 19:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 116:1-19

Zaburi

116 Ndakunda Yehova,

kuko yumva ijwi ryanje n’ugutabaza kwanje+.

 2 Kuko antega ugutwi*+,

kandi nzomutabaza igihe cose nzoba nkiriho.

 3 Imigozi y’urupfu yari yankikuje.

Nari nashitse mu vyara vy’urupfu+.

Nari narengewe n’intuntu be n’umubabaro+.

 4 Ariko naciye nambaza izina rya Yehova+ nti:

«Ewe Yehova, nuntabare!»

 5 Yehova ni umunyempuhwe* kandi aragororotse+.

Imana yacu yuzuye imbabazi+.

 6 Yehova arakingira abantu batazi utuntu n’utundi+.

Nari ngeze habi, na we aca arankiza.

 7 Mutima wanje, subira wiruhukire,

kuko Yehova yangiriye neza.

 8 Warankijije urupfu,

amaso yanje uyarinda amosozi, ibirenge vyanje ubirinda gutsitara+.

 9 Nzogendera imbere ya Yehova mu gihugu c’abazima.

10 Narizeye, ni co gituma navuze+.

Nari narengewe n’umubabaro.

11 Igihe nari nataye umutwe, navuze nti:

«Abantu bose ni ababeshi+.»

12 Nzokwishura iki Yehova

ku vyiza vyose yangiriye?

13 Nzotora igikombe c’ubukiriro*,

kandi nzokwambaza izina rya Yehova.

14 Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova,

imbere y’abantu biwe bose+.

15 Urupfu rw’intahemuka za Yehova

ni urw’agaciro* mu maso yiwe+.

16 Ewe Yehova, ndagutakambira

kuko ndi umusavyi wawe.

Ndi umusavyi wawe, umwana w’umusukukazi wawe.

Warankuye mu migozi yari imboshe+.

17 Nzogushikanira ikimazi co gukenguruka+,

kandi nzokwambaza izina rya Yehova.

18 Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova+,

imbere y’abantu biwe bose+,

19 mu bigo vy’inzu ya Yehova+,

hagati ya Yeruzalemu.

Shemeza Yehova*+!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika