Zaburi
Ni zaburi. Ni indirimbo yo ku musi w’isabato.
92 Ni vyiza gukengurukira Yehova+
no kuririmbira amashemezo* izina ryawe, ewe Musumbavyose!
2 Ni vyiza gutangaza urukundo* rwawe+ mu gitondo
hamwe n’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,
3 nkabigira njanisha n’igicurarangisho c’imirya cumi n’igitari,
biri kumwe n’ijwi ry’inanga riryoheye ugutwi+.
4 Ewe Yehova, waranezereje kubera ibikorwa vyawe.
Ndiha akaruru k’umunezero kubera ibikorwa vy’amaboko yawe.
5 Ewe Yehova, ese ukuntu ibikorwa vyawe ari igitangaza+!
Ivyiyumviro vyawe birimbitse cane+!
8 Ariko wewe uzokwama uri hejuru ibihe vyose, ewe Yehova!
9 Ewe Yehova, nurabe ingene abansi bawe batsindwa,
emwe wirabire ingene bayogera.
Inkozi z’ikibi zose zizoshwiragira+.
10 Ariko uzokwongereza inguvu* zanje, zimere nk’iz’ishuri yo mw’ishamba*.
Nzosiga urukoba rwanje amavuta meza+.
11 Nzokwibonera ugutsindwa kw’abansi banje+,
kandi amatwi yanje azokwumva ugutemba kw’ababisha bantera.
14 Mbere no mu busaza* bazoguma basagamba+.
Bazoguma bafise inguvu* kandi batotahaye+,
15 bagume batangaza ko Yehova agororotse.
Ni we Gitandara canje+, kandi ntiyigera akora ibitagororotse.