ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Ubutumwa bwo gucira urubanza abami babi (1-30)

        • Ubwerekeye Shalumu (10-12)

        • Ubwerekeye Yehoyakimu (13-23)

        • Ubwerekeye Koniya (24-30)

Yeremiya 22:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»

Yeremiya 22:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uwumuzuruma.»

  • *

    Canke «umwana atagira se.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:15; Yes 1:17; Ezk 22:7; Mik 2:2
  • +2Bm 24:3, 4; Yr 7:6, 7

Yeremiya 22:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:12
  • +Yr 17:24, 25

Yeremiya 22:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 39:8; Mik 3:12

Yeremiya 22:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 6:11; Yr 7:34

Yeremiya 22:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nzokweza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 9:1
  • +Yr 21:14

Yeremiya 22:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 29:24-26; 1Bm 9:8, 9; Int 2:15

Yeremiya 22:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:16, 17

Yeremiya 22:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yitwa kandi Yehowahazi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 3:15; 2Ng 36:1
  • +2Bm 23:29, 30

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 158-159

Yeremiya 22:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:34; 2Ng 36:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 158-159

Yeremiya 22:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:13; Mik 3:9, 10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 140

Yeremiya 22:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 140

Yeremiya 22:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:1, 2; 23:23, 25

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 140-141

Yeremiya 22:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 140-141

Yeremiya 22:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:34; 2Ng 36:4

Yeremiya 22:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 36:30
  • +2Ng 36:5, 6

Yeremiya 22:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abahabara bawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:49
  • +2Bm 24:7

Yeremiya 22:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 2:31; 6:16
  • +Gus 9:7; Abc 2:11

Yeremiya 22:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:1; Ezk 34:2

Yeremiya 22:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibise.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 22:6
  • +Yes 2:12, 13
  • +Yr 4:31; 6:24

Yeremiya 22:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yitwa kandi Yehoyakini canke Yekoniya.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:6; Yr 22:28; 37:1; Mt 1:11
  • +2Bm 23:34

Yeremiya 22:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:12, 15; 2Ng 36:9, 10; Yr 24:1; 29:1, 2

Yeremiya 22:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umutima wanyu uhahamiye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 52:31-34

Yeremiya 22:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 3:17, 18

Yeremiya 22:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «wa gihugu.»

Yeremiya 22:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:9, 10; Yr 36:30; Mt 1:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 11

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 22:3Lw 19:15; Yes 1:17; Ezk 22:7; Mik 2:2
Yer. 22:32Bm 24:3, 4; Yr 7:6, 7
Yer. 22:41Bm 2:12
Yer. 22:4Yr 17:24, 25
Yer. 22:5Yr 39:8; Mik 3:12
Yer. 22:6Yes 6:11; Yr 7:34
Yer. 22:7Ezk 9:1
Yer. 22:7Yr 21:14
Yer. 22:8Gus 29:24-26; 1Bm 9:8, 9; Int 2:15
Yer. 22:92Bm 22:16, 17
Yer. 22:111Ng 3:15; 2Ng 36:1
Yer. 22:112Bm 23:29, 30
Yer. 22:122Bm 23:34; 2Ng 36:4
Yer. 22:13Lw 19:13; Mik 3:9, 10
Yer. 22:152Bm 22:1, 2; 23:23, 25
Yer. 22:182Bm 23:34; 2Ng 36:4
Yer. 22:19Yr 36:30
Yer. 22:192Ng 36:5, 6
Yer. 22:20Gus 32:49
Yer. 22:202Bm 24:7
Yer. 22:21Yr 2:31; 6:16
Yer. 22:21Gus 9:7; Abc 2:11
Yer. 22:22Yr 23:1; Ezk 34:2
Yer. 22:23Yr 22:6
Yer. 22:23Yes 2:12, 13
Yer. 22:23Yr 4:31; 6:24
Yer. 22:242Bm 24:6; Yr 22:28; 37:1; Mt 1:11
Yer. 22:242Bm 23:34
Yer. 22:252Bm 24:12, 15; 2Ng 36:9, 10; Yr 24:1; 29:1, 2
Yer. 22:27Yr 52:31-34
Yer. 22:281Ng 3:17, 18
Yer. 22:302Ng 36:9, 10; Yr 36:30; Mt 1:12
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 22:1-30

Yeremiya

22 Yehova avuze ati: «Manuka ku kirimba* c’umwami w’Ubuyuda, umushikirize ubu butumwa. 2 Uvuge uti: “Niwumve ivyo Yehova avuze, yewe mwami w’Ubuyuda wicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, wewe n’abasuku bawe n’abantu bawe binjirana muri aya marembo. 3 Yehova avuze ati: ‘Nimukurikize ubutungane n’ubugororotsi. Uwamburwa nimumukize uwumwambura*. Ntimufate nabi umunyamahanga n’umwe canke ngo hagire impfuvyi* canke umupfakazi mugirira nabi+. Ntimusese amaraso y’intungane aha hantu+. 4 Kuko nimwitwararika gushitsa amajambo ndababwiye, abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ bazoheza rero binjire muri iki kirimba baciye mu marembo yaco. Bazohinjira bagendera mu mikogote no ku mafarasi bo n’abasuku babo n’abantu babo+.’”

5 “Mugabo nimutakurikiza ayo majambo, ndirahiye ubwanje yuko iki kirimba kizotikizwa+”, ni ko Yehova avuze.

6 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze ku bijanye n’ikirimba c’umwami w’Ubuyuda:

“Kuri jewe umeze nka Gileyadi,

nk’isonga rya Libani.

Mugabo nzotuma usigara uri ubugaragwa

kandi nta gisagara cawe na kimwe kizobamwo abantu+.

 7 Nzorungika* abo kuguhonya,

umwe wese aze yitwaje ibirwanisho vyiwe+.

Bazokwicira amasederi yawe mezameza,

bayaterere mu muriro+.

8 Amahanga menshi azoca iruhande y’iki gisagara, abazanye ati: ‘Kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gisagara gikomeye+?’ 9 Maze bazobishura bati: ‘Ni kubera yuko bataye isezerano rya Yehova Imana yabo, bunamira izindi mana barazikorera+.’”

10 Ntimuririre uwapfuye,

kandi ntimumwumvire umubabaro.

Ahubwo nimuririre cane uwugiye mu bunyagano,

kuko atazosubira kugaruka ngo abone igihugu c’amavukiro.

11 Kuko ku bijanye na Shalumu*+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda aganza mu kibanza ca se Yosiya+, akaba yaravuye aha hantu, Yehova avuze ati: “Ntazokwongera kuhagaruka. 12 Ahantu bamujanye mu bunyagano ni ho azopfira, kandi ntazokwongera kubona iki gihugu+.”

13 Aragowe uwubaka inzu yiwe mugabo ntayubake mu bugororotsi,

akubaka n’ivyumba vyiwe vyo hejuru mugabo ntavyubake mu butungane,

agakoresha mugenziwe kuri gusa,

ntamuhembe+.

14 Aragowe uwuvuga ati: “Nzokwiyubakira inzu yagutse

ifise ivyumba vyo hejuru bininibinini.

Nzoyishirako amadirisha,

ndayomekeko imbaho z’isederi, ndayisige ibara ritukura.”

15 Mbega uzobandanya kuganza ngo ni uko urusha abandi gukoresha amasederi?

Na so yararya akanywa,

mugabo yarakurikiza ubutungane n’ubugororotsi+

kandi vyamugendeye neza.

16 Yaraburanira agateka k’umurushwa n’umworo

ku buryo ibintu vyagenda neza.

“None ico si co bisobanura kumenya jewe?”, ni ko Yehova avuze.

17 “Mugabo wewe amaso yawe n’umutima wawe nta kindi birondera atari inyungu mbi,

gusesa amaraso y’intungane,

gukoresha uruyeri no kunyaga.”

18 Ibi rero ni vyo Yehova avuze ku bijanye na Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda:

“Ntibazomugandarira umwe wese abwira uwundi ngo:

‘Yoo, mwenewacu! Yoo, mushikanje!’

Ntibazonamugandarira bavuga ngo:

‘Yoo, databuja! Yoo, nyakwubahwa!’

19 Azohambwa nk’uko bahamba indogobwa+,

aburutwe maze atabwe

inyuma y’amarembo ya Yeruzalemu+.”

20 Duga i Libani usemerere,

uvugirize induru i Bashani.

Ja i Abarimu+ usemerere,

kuko abagukunda cane* bose bamenaguwe+.

21 Naravuganye nawe igihe wumva ko utekaniwe.

Mugabo wavuze uti: “Sinzogamburuka+.”

Ukwo ni ko wamye kuva mu buto bwawe,

kuko utigeze wumvira ijwi ryanje+.

22 Umuyaga uzoragira abungere bawe bose+,

abagukunda cane na bo bajanwe kugirwa imbohe.

Uzoheza rero umaramare, uteterwe kubera ivyago vyose bizogushikira.

23 Wewe uba i Libani+,

ukaba wubatse icari mu masederi+,

ese ukuntu uzoniha niwafatwa n’imisonga,

ukagira amaganya* nk’ay’umugore ariko aribaruka+!»

24 «Yehova avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima, yuko naho wewe Koniya*+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, woba wari impeta y’ikidodo nambaye ku kuryo, nohagushikuye! 25 Nzotuma ugwa mu maboko y’abarondera kukwica, mu maboko y’abo utinya, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni no mu maboko y’Abakaludaya+. 26 Wewe na nyoko yakuvyaye nzobaterera mu kindi gihugu mutavukiyemwo, kandi ni yo muzopfira. 27 Ntimuzokwigera mugaruka mu gihugu mukumbuye cane*+.

28 Mbega uyu mugabo Koniya yoba ari ikibumbano gusa gisuzuguritse, camenaguwe,

icombo ata n’umwe yipfuza?

Kubera iki we n’abamukomokako bazotererwa hasi,

bagashiburirwa mu gihugu batazi+?”

29 Ewe wa si* we, wa si we, wa si we, niwumve ijambo rya Yehova.

30 Yehova avuze ati:

“Nimwandike ko uyu mugabo ata bana agira,

ko atazopfa aroraniwe mu buzima bwiwe*,

kuko ata n’umwe mu bamukomokako

azoshobora kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi ngo asubire kuganza mu Buyuda+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika