19 “Niwashwabura umwimbu wawe wo mu murima wawe+, ukibagirira umuganda mu murima, ntuze usubire inyuma kuwutora. Uwo muganda ukwiye kugumayo ku bwa kavamahanga, ku bw’impfuvyi no ku bw’umupfakazi+, kugira Yehova Imana yawe aguhezagire mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+.