ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 15:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ariko nta n’umwe akwiye kuba mworo iwawe, kuko Yehova azoguhezagira+ ata kabuza mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa ngo ucigarurire+,

  • Gusubira mu vyagezwe 24:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Niwashwabura umwimbu wawe wo mu murima wawe+, ukibagirira umuganda mu murima, ntuze usubire inyuma kuwutora. Uwo muganda ukwiye kugumayo ku bwa kavamahanga, ku bw’impfuvyi no ku bw’umupfakazi+, kugira Yehova Imana yawe aguhezagire mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+.

  • Zaburi 41:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 41 Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi+.

      Ku musi w’ivyago Yehova azomukiza+.

  • Imigani 22:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Uw’ijisho ryiza azohezagirwa, kuko yahaye umuntu mutoyi ku bifungurwa vyiwe+.

  • Yesaya 32:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nayo umutanzi, ivy’ubutanzi ni vyo yiyumviriye; kandi ivy’ubutanzi ni vyo azohaguruka ngo aburanire+.

  • 2 Abakorinto 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Vyongeye, Imana irashoboye kugwiza kuri mwebwe ubuntu ata wari abukwiriye bwayo bwose, kugira ngo naho mwama mufise ibibakwiye muri vyose, mugire vyinshi ku bw’igikorwa ciza cose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika