1 Samweli 12:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Mugabo nimutagamburuka ijwi rya Yehova+, mukagarariza koko itegeko rya Yehova+, ukuboko kwa Yehova kuzobarwanya ata gukeka, mwebwe na ba so+. 1 Samweli 15:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.” Zaburi 5:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Imana ntizobura kubabona nk’abagirwa n’icaha+;Bazogwa kubera inama zabo bwite+.Mu bigabitanyo vyabo indiri nibashwiragire+,Kuko bakugararije+. Yesaya 1:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Mugabo nimwanka+ kandi mukaba koko abagarariji, muzoribwa n’inkota ibaherengeteze; kuko akanwa ka Yehova ari ko kabivuze+.” Yesaya 63:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Mugabo bo baragararije+, bababaza impwemu nyeranda yiwe+. Yaciye ahinduka umwansi+ wabo, we ubwiwe arabarwanya+. Ezekiyeli 7:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “‘Ubu vuba ngiye kugusukako ubushangashirwe bwanje+, ndangize ishavu ryanje kuri wewe+, kandi nzogucira urubanza nk’uko inzira zawe ziri+, nkuzaneko ibintu vyawe vyose biteye ishishi.
15 Mugabo nimutagamburuka ijwi rya Yehova+, mukagarariza koko itegeko rya Yehova+, ukuboko kwa Yehova kuzobarwanya ata gukeka, mwebwe na ba so+.
23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”
10 Imana ntizobura kubabona nk’abagirwa n’icaha+;Bazogwa kubera inama zabo bwite+.Mu bigabitanyo vyabo indiri nibashwiragire+,Kuko bakugararije+.
20 Mugabo nimwanka+ kandi mukaba koko abagarariji, muzoribwa n’inkota ibaherengeteze; kuko akanwa ka Yehova ari ko kabivuze+.”
10 Mugabo bo baragararije+, bababaza impwemu nyeranda yiwe+. Yaciye ahinduka umwansi+ wabo, we ubwiwe arabarwanya+.
8 “‘Ubu vuba ngiye kugusukako ubushangashirwe bwanje+, ndangize ishavu ryanje kuri wewe+, kandi nzogucira urubanza nk’uko inzira zawe ziri+, nkuzaneko ibintu vyawe vyose biteye ishishi.