Abalewi 26:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Kandi ibisagara vyanyu sinzobura kubitanga ku nkota+, ibibanza vyanyu vyeranda na vyo ndabigire umusaka+, kandi utumoto twanyu turuhura sinzotumotera+. 1 Abami 9:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 nzorandura rero Isirayeli ku buringanire bw’ubutaka nayihaye+; kandi inzu nereje izina ryanje nzoyita imve imbere+, kandi Isirayeli izocika iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose. Zaburi 69:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Ikambi yabo izitijwe uruhome nicike umusaka+;Mu mahema yabo ntihaboneke uwuhaba+. Yesaya 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Igihugu canyu ni umusaka+, ibisagara vyanyu biturijwe umuriro+; ubutaka bwanyu—neza na neza imbere yanyu ni ho ab’ahandi+ bariko baburīra bakabuherengeteza+, kandi uwo musaka umeze nk’ahubitswe n’ab’ahandi+. Yeremiya 12:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Narahevye inzu yanje+; narataye intoranwa yanje+; natanze uwo umutima wanje wikundira mu kiganza c’abansi biwe+. Yeremiya 22:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 “‘Mugabo nimutagamburuka ayo majambo, ndirahiye koko jewe ubwanje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘yuko iyi nzu izoba ikibanza catikijwe+.’ Mika 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Ni co gituma Siyoni izorimwa nk’umurima kubera mwebwe, Yeruzalemu na yo igacika ibirundo vy’ibihomvagurike+, n’umusozi wa ya nzu ukaba nk’ibibanza bikirurutse vy’ikibira.
31 Kandi ibisagara vyanyu sinzobura kubitanga ku nkota+, ibibanza vyanyu vyeranda na vyo ndabigire umusaka+, kandi utumoto twanyu turuhura sinzotumotera+.
7 nzorandura rero Isirayeli ku buringanire bw’ubutaka nayihaye+; kandi inzu nereje izina ryanje nzoyita imve imbere+, kandi Isirayeli izocika iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose.
7 Igihugu canyu ni umusaka+, ibisagara vyanyu biturijwe umuriro+; ubutaka bwanyu—neza na neza imbere yanyu ni ho ab’ahandi+ bariko baburīra bakabuherengeteza+, kandi uwo musaka umeze nk’ahubitswe n’ab’ahandi+.
7 “Narahevye inzu yanje+; narataye intoranwa yanje+; natanze uwo umutima wanje wikundira mu kiganza c’abansi biwe+.
5 “‘Mugabo nimutagamburuka ayo majambo, ndirahiye koko jewe ubwanje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘yuko iyi nzu izoba ikibanza catikijwe+.’
12 Ni co gituma Siyoni izorimwa nk’umurima kubera mwebwe, Yeruzalemu na yo igacika ibirundo vy’ibihomvagurike+, n’umusozi wa ya nzu ukaba nk’ibibanza bikirurutse vy’ikibira.