ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kandi ibisagara vyanyu sinzobura kubitanga ku nkota+, ibibanza vyanyu vyeranda na vyo ndabigire umusaka+, kandi utumoto twanyu turuhura sinzotumotera+.

  • 1 Abami 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 nzorandura rero Isirayeli ku buringanire bw’ubutaka nayihaye+; kandi inzu nereje izina ryanje nzoyita imve imbere+, kandi Isirayeli izocika iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose.

  • Zaburi 69:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Ikambi yabo izitijwe uruhome nicike umusaka+;

      Mu mahema yabo ntihaboneke uwuhaba+.

  • Yesaya 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Igihugu canyu ni umusaka+, ibisagara vyanyu biturijwe umuriro+; ubutaka bwanyu—neza na neza imbere yanyu ni ho ab’ahandi+ bariko baburīra bakabuherengeteza+, kandi uwo musaka umeze nk’ahubitswe n’ab’ahandi+.

  • Yeremiya 12:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “Narahevye inzu yanje+; narataye intoranwa yanje+; natanze uwo umutima wanje wikundira mu kiganza c’abansi biwe+.

  • Yeremiya 22:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “‘Mugabo nimutagamburuka ayo majambo, ndirahiye koko jewe ubwanje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘yuko iyi nzu izoba ikibanza catikijwe+.’

  • Mika 3:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ni co gituma Siyoni izorimwa nk’umurima kubera mwebwe, Yeruzalemu na yo igacika ibirundo vy’ibihomvagurike+, n’umusozi wa ya nzu ukaba nk’ibibanza bikirurutse vy’ikibira.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika