33 Farawo niyabahamagara akababaza ico mukora, 34 muze kumwishura muti: “Abasavyi bawe twamye turi aborozi kuva tukiri bato, twe na ba sokuruza bacu+.” Muze kuvuga gutyo kugira abemerere kuba mu ntara ya Gosheni+, kuko abungere b’intama ari ikintu gishisha ku Banyamisiri+.»