ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 12:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Farawo aca afata neza Aburamu kubera Sarayi, amuha intama, inka, indogobwa, abasuku n’abasukukazi hamwe n’ingamiya+.

  • Itanguriro 26:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Hanyuma Izahaki atangura gutera imbuto muri ico gihugu, maze muri uwo mwaka yimbura incuro 100 ivyo yari yateye, kuko Yehova yariko aramuhezagira+.

  • Itanguriro 26:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Yari afise ubusho bw’intama n’ubw’inka hamwe n’abasuku benshi cane+. Abafilisitiya baca batangura kumugirira ishari.

  • Itanguriro 31:17, 18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Yakobo aca arahaguruka, yuriza abana biwe n’abagore biwe ku ngamiya+. 18 Atora ibitungwa vyose yari yaronkeye i Padani-Aramu n’ibintu vyose yari yaregeranije+, aca afata urugendo aja kwa Izahaki se wiwe mu gihugu ca Kanani+.

  • Itanguriro 46:33, 34
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 33 Farawo niyabahamagara akababaza ico mukora, 34 muze kumwishura muti: “Abasavyi bawe twamye turi aborozi kuva tukiri bato, twe na ba sokuruza bacu+.” Muze kuvuga gutyo kugira abemerere kuba mu ntara ya Gosheni+, kuko abungere b’intama ari ikintu gishisha ku Banyamisiri+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika