-
Yosuwa 2:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Ababwira ati: «Ndazi neza ko Yehova azobaha iki gihugu+ be n’uko dufise ubwoba bwinshi kubera mwebwe+. Ababa mu gihugu bose bihebuye kubera mwebwe+, 10 kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+. Twarumvise n’ivyo mwakoreye abami babiri b’Abamori, Sihoni+ na Ogi+, abo mwiciye hakurya ya Yorodani*.
-
-
1 Ngoma 16:24Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
24 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,
mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose.
-
-
Yesaya 63:12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 Ari hehe Umwe yatuma ukuboko kwiwe guhambaye kugendana n’ukuryo kwa Musa+,
Umwe yagabura amazi imbere yabo+
kugira ngo yiheshe izina ryamaho+?
-