ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 14:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Nanje nzoreka Abanyamisiri bakomantaze imitima maze babakurikire. Nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo, igisoda ciwe cose, imikogote yiwe y’intambara n’abasoda biwe barwanira ku mafarasi+.

  • Yosuwa 2:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ababwira ati: «Ndazi neza ko Yehova azobaha iki gihugu+ be n’uko dufise ubwoba bwinshi kubera mwebwe+. Ababa mu gihugu bose bihebuye kubera mwebwe+, 10 kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+. Twarumvise n’ivyo mwakoreye abami babiri b’Abamori, Sihoni+ na Ogi+, abo mwiciye hakurya ya Yorodani*.

  • 1 Ngoma 16:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,

      mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose.

  • Imigani 16:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Yehova yaratunganije ibintu vyose kugira bishitse umugambi wiwe,

      ku buryo n’ababisha barandurwa ku musi w’ivyago+.

  • Yesaya 63:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ari hehe Umwe yatuma ukuboko kwiwe guhambaye kugendana n’ukuryo kwa Musa+,

      Umwe yagabura amazi imbere yabo+

      kugira ngo yiheshe izina ryamaho+?

  • Abaroma 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika