-
Yosuwa 2:9-11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Ababwira ati: «Ndazi neza ko Yehova azobaha iki gihugu+ be n’uko dufise ubwoba bwinshi kubera mwebwe+. Ababa mu gihugu bose bihebuye kubera mwebwe+, 10 kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+. Twarumvise n’ivyo mwakoreye abami babiri b’Abamori, Sihoni+ na Ogi+, abo mwiciye hakurya ya Yorodani*. 11 Tuvyumvise, imitima yaciye ituvamwo*. Twese twaracitse intege* kubera mwebwe, kuko Yehova Imana yanyu ari we Mana hejuru mw’ijuru no hasi kw’isi+.
-