ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 29:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Uzoca ufata ikinure+ cose gipfutse amara, ikinure gifashe ku gitigu*, amafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, maze ubituririre ku gicaniro bifumbe umwotsi+. 14 Ariko inyama z’iyo shuri, urushato rwayo n’amayezi yayo uzobituririra inyuma y’ikambi. Ni ishikanwa ry’igicumuro.

  • Abalewi 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ibinure vy’ico kimazi co gusangira azobiha Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro+. Azokurako igitsembe cayo cose kinuze, agikatire hafi y’uruti rw’umugongo, akureko n’ikinure gipfutse amara, ikinure cose gifashe ku mara

  • Abalewi 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ntimuze mwigere murya icitwa ikinure canke amaraso+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, aho muzoba muba hose.”»

  • Abalewi 4:8, 9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Azoca akurako ibinure vyose vy’iyo shuri y’ishikanwa ry’igicumuro, ushizemwo ikinure gipfutse amara, ikinure gifashe ku mara 9 be n’amafyigo abiri n’ikinure cayo kiri hafi y’ikiyunguyungu. Azokurako kandi ikinure gifashe ku gitigu*, agikurireko rimwe n’amafyigo+.

  • Abalewi 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Hanyuma Musa azana ya mpfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa maze Aroni n’abahungu biwe bayirambikako ibiganza ku mutwe+.

  • Abalewi 8:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Araheza ayikatagura mu bihimba maze afata umutwe wayo, ibihimba vyayo n’ibinure* vyayo, arabiturira birafumba umwotsi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika