Itanguriro 9:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Ariko inyama zirimwo ubuzima bwazo, ni ukuvuga amaraso yazo+, ntimuze muzirye+. Abalewi 17:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azorya amaraso ayo ari yo yose+, emwe nzorwanya* uwo muntu kandi nzomwica*. Abalewi 17:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe niyaja guhiga agafata igikoko canke inyoni iribwa, ategerezwa gusesa amaraso yayo hasi+, ace ayafurira. Gusubira mu vyagezwe 12:23 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 23 Ariko muze mwiyubare ntimurye amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+. Ntimuze murye inyama zikirimwo amaraso*. Ivyakozwe 15:20 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Ahubwo twobandikira ngo birinde ivyahumanijwe n’ibigirwamana+, birinde ubusambanyi*+, ibinizwe* n’amaraso+. Ivyakozwe 15:29 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 29 kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, amaraso+, ibinizwe*+ n’ubusambanyi*+. Nimwitwararika kwirinda ivyo bintu muzotunganirwa. Nimukomere*!»
10 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azorya amaraso ayo ari yo yose+, emwe nzorwanya* uwo muntu kandi nzomwica*.
13 Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe niyaja guhiga agafata igikoko canke inyoni iribwa, ategerezwa gusesa amaraso yayo hasi+, ace ayafurira.
23 Ariko muze mwiyubare ntimurye amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+. Ntimuze murye inyama zikirimwo amaraso*.
20 Ahubwo twobandikira ngo birinde ivyahumanijwe n’ibigirwamana+, birinde ubusambanyi*+, ibinizwe* n’amaraso+.
29 kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, amaraso+, ibinizwe*+ n’ubusambanyi*+. Nimwitwararika kwirinda ivyo bintu muzotunganirwa. Nimukomere*!»