ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 9:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Ariko inyama zirimwo ubuzima bwazo, ni ukuvuga amaraso yazo+, ntimuze muzirye+.

  • Abalewi 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ntimuze mwigere murya icitwa ikinure canke amaraso+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, aho muzoba muba hose.”»

  • Abalewi 7:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Ntimuze murye amaraso n’amwe+ aho muzoba muba hose, yaba ari ay’inyoni canke ikindi gitungwa.

  • Abalewi 17:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azorya amaraso ayo ari yo yose+, emwe nzorwanya* uwo muntu kandi nzomwica*.

  • Abalewi 17:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe niyaja guhiga agafata igikoko canke inyoni iribwa, ategerezwa gusesa amaraso yayo hasi+, ace ayafurira.

  • Abalewi 19:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Ntimuze murye ikintu na kimwe kirimwo amaraso+.

      Ntimuze muragure canke ngo mukore ivy’amageza+.

  • Gusubira mu vyagezwe 12:23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Ariko muze mwiyubare ntimurye amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+. Ntimuze murye inyama zikirimwo amaraso*.

  • Gusubira mu vyagezwe 15:23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Ariko ntimuze murye amaraso yaco+. Mukwiye kuyasesa hasi nka kurya kw’amazi+.

  • 1 Samweli 14:32, 33
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 Nuko abo Bisirayeli bagurukira ku vyo basahuye n’umunoho mwinshi, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+. 33 Maze bamenyesha Sawuli yuko abasoda bariko bacumura kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+. Aca avuga ati: «Mwahemutse. Nyarutsa mutembagaze ibuye rinini, murinzanire.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika