8 Bose nibambare amagunira, baba abantu canke ibikoko. Nibatakambire Imana bakobeje kandi bahebe ingeso zabo mbi n’ubukozi bw’ikibi bwabo. 9 Nta wubizi, hari aho Imana y’ukuri yohindura ivyiyumviro ku bijanye n’ivyo yagira ikore, ikareka ishavu ryayo rirurumba kugira ntiduhone.»