Yona
3 Maze Yehova abwira Yona ubugira kabiri ati+: 2 «Haguruka uje i Ninewe+ ca gisagara gikomeye, ugitangarize ubutumwa ngira ndakubwire.»
3 Yona aca arahaguruka aja i Ninewe+, agamburuka ivyo Yehova amubwiye+. Ninewe cari igisagara kinini cane*. Cose umuntu yakigenda imisi itatu. 4 Maze Yona yinjira muri nya gisagara. Amara umusi wose agenda, atangaza ati: «Mu misi 40 gusa, Ninewe izorandurwa.»
5 Maze abantu b’i Ninewe bizera Imana+, batangaza ko haba ukwisonzesha, bongera bambara amagunira kuva ku mukuru muri bo gushika ku muto. 6 Ubwo butumwa ngo bushikire umwami wa Ninewe, aca arahaguruka ava ku ntebe yiwe y’ubwami, yambura impuzu yiwe ya cami maze yambara igunira, yicara mu minyota. 7 Vyongeye, ategeka ko batangaza i Ninewe bati:
«Ng’iri itegeko ry’umwami n’abanyacubahiro biwe: ntihagire umuntu agira ico atamira. N’igikoko canke igitungwa kinini canke gito ni ko kw’ukwo. Ntihagire ikintu na kimwe birya kandi ntibinywe amazi. 8 Bose nibambare amagunira, baba abantu canke ibikoko. Nibatakambire Imana bakobeje kandi bahebe ingeso zabo mbi n’ubukozi bw’ikibi bwabo. 9 Nta wubizi, hari aho Imana y’ukuri yohindura ivyiyumviro* ku bijanye n’ivyo yagira ikore, ikareka ishavu ryayo rirurumba kugira ntiduhone.»
10 Imana y’ukuri ibonye ivyo bakoze, ikabona ingene bahevye ingeso zabo mbi+, ica ihindura ivyiyumviro* ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza+.