ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 18:7, 8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Iyo mvuze ko nzorandura ihanga canke ubwami, nkarisitura nkarihonya+, 8 maze iryo hanga rigaheba ububisha bwaryo niyamirije, nanje nzoca mpindura umugambi* nari mfise wo kuriteza ivyago+.

  • Ezekiyeli 18:21-23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Nayo umubisha niyaheba ibicumuro vyose akora, akubahiriza ivyagezwe vyanje, agakora ibigororotse n’ibibereye, vy’ukuri azobandanya kubaho. Ntazopfa+. 22 Nta gicumuro na kimwe yakoze kizomwagira*+. Azobandanya kubaho kubera akora ibigororotse+.”

      23 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega mugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa+? Mugira sinshima ko yoheba ingeso ziwe akabandanya kubaho+?”

  • Yona 4:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Asenga rero Yehova ati: «Ewe Yehova, erega nari nzi ko ari ko vyogenze nkiri mu gihugu iwacu. Ni co gituma mu ntango narondeye guhungira i Tarushishi+. Erega nari nzi ko uri Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo*+, ibabazwa n’ivyago.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika