-
2 Abami 9:6, 7Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Yehu aca arahaguruka yinjira mu nzu. Uwo musuku aca amusuka amavuta ku mutwe amubwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Jewe Yehova ndakurobanuje amavuta ngo ube umwami w’abantu banje b’Abisirayeli+. 7 Uze wice abo mu muryango wa shobuja Ahabu. Jewe Yehova nzobihōra kubera amaraso y’abasavyi banje b’abahanuzi Yezebeli yasheshe. Nzobihōra kandi kubera amaraso y’abandi basavyi banje bose yishe+.
-