ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Abami: ibirimwo

      • Yehu arobanurwa ngo abe umwami wa Isirayeli (1-13)

      • Yehu yica Yehoramu na Ahaziya (14-29)

      • Yezebeli yicwa, imbwa zikamurya (30-37)

2 Abami 9:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kenyera mu kiyunguyungu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 8:25, 28

2 Abami 9:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:16, 17

2 Abami 9:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 22:7

2 Abami 9:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2011, rup. 3

2 Abami 9:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:16

2 Abami 9:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 18:4; 19:2; 21:15, 25; Lk 18:7

2 Abami 9:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 21:20, 21

2 Abami 9:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 15:28, 29
  • +1Bm 16:11, 12

2 Abami 9:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 21:23
  • +2Bm 9:3

2 Abami 9:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 9:6

2 Abami 9:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 21:7
  • +2Sm 15:10; 1Bm 1:34, 39

2 Abami 9:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:16
  • +2Bm 8:28
  • +1Bm 19:15; 2Bm 8:15; 10:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2011, rup. 3

2 Abami 9:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 19:17, 18; 1Bm 21:1
  • +2Ng 22:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2011, rup. 3

2 Abami 9:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2011, rup. 3-4

2 Abami 9:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2011, rup. 4

    1/8/2005, rup. 11

    1/1/1998, rup. 24-25

2 Abami 9:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 8:25, 29; 2Ng 22:7
  • +1Bm 21:1, 15

2 Abami 9:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ugusenga ibigirwamana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:31; 18:4; 19:2; 21:7
  • +Lw 20:6; Gus 18:10; 1Bm 18:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Bibiliya (bi12), rup. 1939, 1947-1948

2 Abami 9:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imikogote ikwegwa n’amafarasi abirabiri.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 21:19
  • +1Bm 21:29

2 Abami 9:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 4:8, 10; Zb 9:12; 72:14
  • +It 9:5; Lw 24:17
  • +1Bm 21:24

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2014, rup. 13-14

2 Abami 9:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 8:29; 2Ng 22:7
  • +Yos 17:11

2 Abami 9:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 5:7

2 Abami 9:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 8:24; 2Ng 22:2

2 Abami 9:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 21:1
  • +1Bm 16:31; 21:25

2 Abami 9:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:15-19

2 Abami 9:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 32:26; Zb 94:16

2 Abami 9:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:31

2 Abami 9:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 9:10

2 Abami 9:36

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «zizorira inyama za Yezebeli.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 55:10, 11
  • +1Bm 21:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 120-121

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Abm. 9:12Bm 8:25, 28
2 Abm. 9:21Bm 19:16, 17
2 Abm. 9:32Ng 22:7
2 Abm. 9:61Bm 19:16
2 Abm. 9:71Bm 18:4; 19:2; 21:15, 25; Lk 18:7
2 Abm. 9:81Bm 21:20, 21
2 Abm. 9:91Bm 15:28, 29
2 Abm. 9:91Bm 16:11, 12
2 Abm. 9:101Bm 21:23
2 Abm. 9:102Bm 9:3
2 Abm. 9:122Bm 9:6
2 Abm. 9:13Mt 21:7
2 Abm. 9:132Sm 15:10; 1Bm 1:34, 39
2 Abm. 9:141Bm 19:16
2 Abm. 9:142Bm 8:28
2 Abm. 9:141Bm 19:15; 2Bm 8:15; 10:32
2 Abm. 9:15Yos 19:17, 18; 1Bm 21:1
2 Abm. 9:152Ng 22:6
2 Abm. 9:212Bm 8:25, 29; 2Ng 22:7
2 Abm. 9:211Bm 21:1, 15
2 Abm. 9:221Bm 16:31; 18:4; 19:2; 21:7
2 Abm. 9:22Lw 20:6; Gus 18:10; 1Bm 18:19
2 Abm. 9:251Bm 21:19
2 Abm. 9:251Bm 21:29
2 Abm. 9:26It 4:8, 10; Zb 9:12; 72:14
2 Abm. 9:26It 9:5; Lw 24:17
2 Abm. 9:261Bm 21:24
2 Abm. 9:272Bm 8:29; 2Ng 22:7
2 Abm. 9:27Yos 17:11
2 Abm. 9:282Sm 5:7
2 Abm. 9:292Bm 8:24; 2Ng 22:2
2 Abm. 9:301Bm 21:1
2 Abm. 9:301Bm 16:31; 21:25
2 Abm. 9:311Bm 16:15-19
2 Abm. 9:32Kv 32:26; Zb 94:16
2 Abm. 9:341Bm 16:31
2 Abm. 9:352Bm 9:10
2 Abm. 9:36Yes 55:10, 11
2 Abm. 9:361Bm 21:23
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Abami 9:1-37

Abami ba kabiri

9 Nuko umuhanuzi Elisha ahamagara umwe mu bana b’abahanuzi, amubwira ati: «Kenyera neza impuzu*, uce unyaragasa utore aka gakarabo k’amavuta uje i Ramoti-Gileyadi+. 2 Niwashikayo uce urondera Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi. Azoba ari kumwe n’abandi bakuru b’ingabo. Uce winjira umusabe ahaguruke, mujane mu cumba c’indani ahiherereye. 3 Uheze ufate ako gakarabo k’amavuta, uyasuke ku mutwe wiwe maze uvuge uti: “Yehova avuze ati: ‘Ndakurobanuje amavuta* ngo ube umwami wa Isirayeli+.’” Uce wugurura umuryango uhunge ningoga.»

4 Nuko uwo musuku wa Elisha afata inzira aja i Ramoti-Gileyadi. 5 Ahashitse, asanga abakuru b’ingabo ni ho bicaye. Aca avuga ati: «Hari ubutumwa ndagufitiye nyakwubahwa mukuru w’ingabo!» Yehu aca amubaza ati: «Uwuhe muri twebwe?» Na we ati: «Ni wewe nyakwubahwa mukuru w’ingabo.» 6 Yehu aca arahaguruka yinjira mu nzu. Uwo musuku aca amusuka amavuta ku mutwe amubwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Jewe Yehova ndakurobanuje amavuta ngo ube umwami w’abantu banje b’Abisirayeli+. 7 Uze wice abo mu muryango wa shobuja Ahabu. Jewe Yehova nzobihōra kubera amaraso y’abasavyi banje b’abahanuzi Yezebeli yasheshe. Nzobihōra kandi kubera amaraso y’abandi basavyi banje bose yishe+. 8 Nzohonya umuryango wose wa Ahabu. Nzozimanganya muri Isirayeli ab’igitsina-gabo* bose bakomoka kuri Ahabu, nzimanganye na nyarucari n’uwutagira gitabara+. 9 Umuryango wa Ahabu nzowugira nk’uwa Yerobowamu+ mwene Nebati, nongere ndawugire nk’uwa Bayasha+ mwene Ahiya. 10 Nayo Yezebeli, imbwa zizomurira mw’itongo ry’i Yezireli+, kandi nta wuzomuhamba.”» Aca yugurura umuryango, arahunga+.

11 Yehu asubiye hanze, ba bakuru b’ingabo z’umwami bamubaza bati: «Ni amahoro? Uwo musazi yakuronderera iki?» Abishura ati: «Abantu mwene abo ntimubazi? Mwibagiye ivyo bavuga?» 12 Na bo bati: «Oya tubwize ukuri.» Maze avuga ati: «Yambwiye uku n’uku, aca yongerako ati: “Yehova avuze ati: ‘Ndakurobanuje amavuta ngo ube umwami wa Isirayeli+.’”» 13 Ubwo nyene umwe wese aca afata impuzu yiwe ayisasa ku ngazi Yehu acako+. Baca bavuza inzamba bavuga bati: «Yehu abaye umwami+!» 14 Nuko Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi, atangura gutegura umugambi wo kugirira nabi Yehoramu.

Yehoramu n’Abisirayeli bose bari bagiye i Ramoti-Gileyadi+ kurwanya Hazayeli+ umwami wa Siriya. 15 Mu nyuma umwami Yehoramu yaciye asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko Abasiriya bari bamukomerekeje ico gihe arwana na Hazayeli umwami wa Siriya+.

Nuko Yehu avuga ati: «Nimba muvyemeye, ntimureke n’umwe ngo ave mu gisagara ngo aje kumenyesha iyi nkuru i Yezireli.» 16 Yehu aca yurira umukogote wiwe aja i Yezireli, kuko Yehoramu ari ho yari arwariye ibikomere vy’intambara. Ahaziya umwami w’Ubuyuda yari yagiyeyo gusuhuza Yehoramu. 17 Inderetsi yari ihagaze ku munara i Yezireli ibona umugwi w’abasoda bazananye na Yehu uriko uregereza. Ica ivuga iti: «Ndabona umugwi w’abasoda.» Yehoramu aca avuga ati: «Rungika uwurwanira kw’ifarasi aje guhura na bo, ababaze ko bagenzwa n’amahoro.» 18 Nuko umuntu ari kw’ifarasi aja guhura na we, amubwira ati: «Umwami avuze ati: “Mugenzwa n’amahoro?”» Mugabo Yehu avuga ati: «Amahoro uyaronderako iki? Wewe nkurikira gusa.»

Nya nderetsi ica ivuga iti: «Ya ntumwa yagiye irabashikira, mugabo mbonye itagarutse.» 19 Umwami arungika uwundi agendera kw’ifarasi, maze abashikiriye avuga ati: «Umwami avuze ati: “Mugenzwa n’amahoro?”» Mugabo Yehu amwishura ati: «Amahoro uyaronderako iki? Wewe nkurikira gusa.»

20 Nya nderetsi ica ivuga iti: «Yagiye arabashikira mugabo mbonye atagarutse. Kandi mbona uwutwara umukogote awutwara nka Yehu umwuzukuru* wa Nimushi, kuko asanzwe awutwara nk’umusazi.» 21 Yehoramu aca avuga ati: «Bohera umukogote ku mafarasi.» Baca bawubohera ku mafarasi. Maze Yehoramu umwami wa Isirayeli na Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda burira mu mikogote yabo y’intambara, baja guhura na Yehu. Bahuriye mw’itongo rya Naboti+ w’i Yezireli.

22 Yehoramu akibona Yehu, amubaza ati: «Ugenzwa n’amahoro ga Yehu?» Na we ati: «Hoba amahoro nyabaki kandi hakiriho ubusambanyi* bwa nyoko Yezebeli+ n’ubupfumu bwiwe bwinshi+?» 23 Yehoramu aca ahindukiza umukogote ngo ahunge, maze abwira Ahaziya ati: «Tuguye mu mutego, Ahaziya!» 24 Yehu aca afora umuheto, arasa Yehoramu hagati y’ibitugu. Umwampi usohokana mu mutima, agwa mu mukogote wiwe w’intambara. 25 Yehu aca abwira igisongerezi ciwe citwa Bidikari ati: «Muterure umuterere mw’itongo rya Naboti w’i Yezireli+. Uribuka ko twe nawe twari dutwaye imikogote* inyuma ya se Ahabu igihe Yehova yamucira urubanza+. Yavuze ati: 26 “Jewe Yehova mvuze nti: ‘Ejo narabonye amaraso ya Naboti+ n’ay’abahungu biwe. Nawe umenye ko muri iri tongo ari ho nzokwishurira+ ikibi wakoze’, ni ko jewe Yehova mvuze.” Muterure rero umuterere muri iryo tongo nk’uko Yehova yabivuze+.»

27 Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda abonye ibibaye, aca ahungana inzira ica iruhande y’inzu iri mu murima. (Mu nyuma Yehu aramukurikira avuga ati: «Na we nyene nimumwice!» Nuko bamurasira mu mukogote wiwe ariko araduga i Guri, hafi y’igisagara ca Ibuleyamu+. Mugabo aguma ahunga gushika i Megido, apfirayo. 28 Maze abantu biwe bamujana i Yeruzalemu ari mu mukogote, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu mva yiwe mu gisagara ca Dawidi+. 29 Ahaziya+ yari yabaye umwami w’Ubuyuda mu mwaka ugira 11 Yehoramu mwene Ahabu aganza.)

30 Yehu ashitse i Yezireli+, Yezebeli+ arabimenya. Yisiga rero ibintu vyirabura ku maso, arisokoza neza maze aza kurabira mw’idirisha ibiriko bibera hasi. 31 Yehu akiriko arinjira mw’irembo, Yezebeli amubwira ati: «Uribuka ivyashikiye Zimuri umwe yica shebuja+?» 32 Yehu aca araba hejuru kuri nya dirisha maze avuga ati: «Ni nde ari ku ruhande rwanje? Ni nde+?» Abakozi bo ku kirimba nka babiri canke batatu baca baraba hasi iyo ari. 33 Ababwira ati: «Nimumukororere hasi!» Baca baramukorora, maze amaraso yiwe atarukira ku ruhome no ku mafarasi. Yehu aca amuhonyangisha amafarasi yiwe. 34 Araheza yinjira mu nzu, ararya, aranywa. Hanyuma avuga ati: «Genda mwegeranye urya mugore w’ikivume mumuhambe, kubera ko ari umukobwa w’umwami+.» 35 Bagiye kumuhamba, bahasanga gusa agahanga n’ibirenge n’ibiganza+. 36 Nuko baragaruka barabimubwira, na we aca avuga ati: «Ivyo Yehova yavuze birarangutse+. Yari yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya w’i Tishibe ati: “Imbwa zizorira Yezebeli*+ mw’itongo ry’i Yezireli. 37 Umuvyimba wa Yezebeli uzoba nk’intabire mu murima uri mw’itongo ry’i Yezireli, kugira ntihaze hagire uwuvuga ngo: ‘Uyu ni Yezebeli.’”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika