Abami ba kabiri
10 Ahabu+ yari afise abahungu 70 i Samariya. Yehu yandika rero amakete maze ayarungika i Samariya ku batware b’i Yezireli, ku bashingantahe+ no ku barezi barera abana ba Ahabu*. Ababwira ati: 2 «Muri kumwe n’abahungu ba shobuja. Mufise n’imikogote y’intambara, amafarasi n’ibirwanisho kandi muba mu gisagara gikingijwe ibihome. Iri kete niryabashikira, 3 muce muraba umwe mu bahungu ba shobuja mubona ko ameze neza kandi abibereye* kuruta abandi, abe ari we mwimika asubirire se. Muheze murwanire umuryango* wa shobuja.»
4 Mugabo baratinya rwose, bavuga bati: «Ahantu abami babiri bananiwe+, twebwe twomuva imbere?» 5 Nuko uwari ahagarikiye ivyo ku kirimba*, n’umukuru w’igisagara, n’abashingantahe na ba barezi, barungikira Yehu ubutumwa bugira buti: «Turi abasuku bawe kandi twiteguriye gukora ico udusaba cose. Nta n’umwe tugira umwami. Kora ico ubona ko kibereye.»
6 Aca abandikira irindi kete ati: «Ko wumva munshigikiye kandi mukaba mushaka kungamburukira, ejo nk’aya mango muzoze i Yezireli munzaniye imitwe y’abahungu ba shobuja.»
Ba bahungu 70 b’umwami bari kumwe n’abarezi babo. Abo barezi bari abagabo b’abanyacubahiro bo mu gisagara. 7 Nya kete rikimara kubashikira, bafata abo bahungu b’umwami uko ari 70 barabica+. Baca bashira imitwe yabo mu bisimbo, baraheza barayimurungikira i Yezireli. 8 Haza intumwa imenyesha Yehu iti: «Bazanye ya mitwe y’abahungu b’umwami.» Yehu aca avuga ati: «Nimuyishire kw’irembo ry’igisagara mu birundo bibiri, igumeho gushika mu gitondo.» 9 Bukeye mu gitondo, Yehu arasohoka ahagarara imbere y’abantu bose, ababwira ati: «Mwebwe nta kibi mwakoze*. Ni ivy’ukuri ko nateguye umugambi wo kugirira nabi umwami, ndamwica+. Mugabo none aba bose ni nde yabishe? 10 Mumenye rero ko ivyo Yehova yavuze bizoranguka. Nta na kimwe mu vyo Yehova yavuze ku muryango wa Ahabu kizogenda kitarangutse*+. Yehova akoze rero ivyo yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya+.» 11 Vyongeye Yehu yica abo mu muryango wa Ahabu bose bari basigaye i Yezireli, n’abagabo b’abanyacubahiro bose bamukorera, abagenzi biwe n’abaherezi biwe+. Nta n’umwe yamusigarije+.
12 Nuko Yehu aca ava ng’aho aja i Samariya. Ku nzira hari inzu abungere bazirikiramwo intama*. 13 Yehu ahahurira na benewabo na Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda. Ababaza ati: «Muri bande?» Baca bamwishura bati: «Turi benewabo na Ahaziya. Tugiye kuraba ko abahungu b’umwami n’abahungu b’umugabekazi* bivyura.» 14 Yehu aca avuga ati: «Nimubafate!» Baca barabafata uko ari 42, babicira kw’itangi rya ya nzu bazirikiramwo intama, ntihagira n’umwe Yehu asigaza+.
15 Avuye ng’aho, ahura na Yehonadabu+ mwene Rekabu+ aje kumusanganira. Aramuramutsa* maze amubaza ati: «Umutima wawe woba uri kumwe nanje vy’ukuri*, nk’uko umutima wanje uri kumwe n’uwawe?»
Yehonadabu yishura ati: «Egome.»
Yehu aca avuga ati: «Ari ukwo rero, mpa ukuboko kwawe.»
Nuko amuha ukuboko kwiwe, Yehu aca amwuriza mu mukogote wiwe. 16 Maze amubwira ati: «Ingo tujane, urabe ingene ntihanganira na gato abahemukira* Yehova+.» Nuko Yehu amutwara mu mukogote wiwe w’intambara. 17 Ashitse i Samariya, yica abo mu muryango wa Ahabu bose bari basigayeyo. Arabazimanganya+ nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye kuri Eliya+.
18 Maze Yehu akoranya abantu bose, ababwira ati: «Ahabu yasenze Bayali buhoro+. Mugabo jewe Yehu nzoyisenga cane. 19 Nimumpamagarire rero abahanuzi bose ba Bayali+, abayisenga bose n’abaherezi bayo bose+. Ntihagire n’umwe asiba, kuko nipfuza gushikanira Bayali ikimazi kidasanzwe. Uwuzosiba wese azoca yicwa.» Mugabo ayo yari amayeri. Yehu yashaka guhonya abasenga Bayali.
20 Yehu yongerako ati: «Hamagaza* ikoraniro ridasanzwe rya Bayali.» Nuko bahamagaza iryo koraniro. 21 Maze Yehu atuma intumwa muri Isirayeli yose, abasenga Bayali bose baraza. Nta n’umwe yasivye. Binjira mu rusengero* rwa Bayali+, ruruzura no ku munwa. 22 Abwira rero uwari ajejwe ububiko bw’impuzu ati: «Zanira impuzu abasenga Bayali bose.» Nuko arazibazanira. 23 Yehu na Yehonadabu+ mwene Rekabu baca binjira mu rusengero rwa Bayali. Abwira abasenga Bayali ati: «Nimusuzume neza, murabe ko ata wusenga Yehova n’umwe ari ng’aha, ko hari abasenga Bayali gusa.» 24 Hanyuma baja gutanga ibimazi n’amashikanwa aturirwa. Hanze Yehu yari yahashize abantu biwe 80, ababwira ati: «Aba bantu ndababahaye. Hakagira n’umwe abacika, ni mwe muca mwicwa mu kibanza ciwe*.»
25 Yehu akirangiza gutanga ishikanwa riturirwa, aca abwira abarinzi* n’ibisongerezi ati: «Nimwinjire mubice! Ntihagire n’umwe abacika+!» Abo barinzi n’ivyo bisongerezi batangura kubicisha inkota, babaterera hanze. Baguma binjira gushika no mu gice c’indani* c’urusengero rwa Bayali. 26 Maze basohora inkingi nyeranda*+ zo mu rusengero rwa Bayali, zose baraziturira+. 27 Basiturira hasi inkingi nyeranda y’ibuye+ ya Bayali. Basiturira hasi n’urusengero rwa Bayali+, bahahindura utuzu twa surwumwe. Ni ko bikiri gushika n’uyu musi.
28 Ukwo ni ko Yehu yazimanganije Bayali muri Isirayeli. 29 Mugabo Yehu ntiyirinze ibicumuro nk’ivyo Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati, kuko yagumijeho za nyana z’inzahabu zari i Beteli n’i Dani+. 30 Nuko Yehova abwira Yehu ati: «Ko wagize neza ugakora ivyo mbona ko bigororotse, ugakora ibintu vyose umutima wanje wipfuza gukorera umuryango wa Ahabu+, abagukomokako bazokurakuranwa ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli gushika ku ruvyaro rugira kane*+.» 31 Mugabo Yehu ntiyitwararitse gukurikiza amategeko ya Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose+. Ntiyirinze ibicumuro vy’Abisirayeli, ivyo bakoze babitumwe na Yerobowamu+.
32 Ico gihe Yehova atangura kuza arareka uturere twa Isirayeli tugafatwa*. Hazayeli yaguma agaba ibitero mu karere kose ka Isirayeli+. 33 Yahereye kuri Yorodani yerekeza mu buseruko, afata akarere kose ka Gileyadi kabamwo abo mu muryango wa Gadi, uwa Rubeni n’uwa Manase+. Ako karere kava i Aroweri iruhande y’umubande* wa Arunoni, kagashika i Gileyadi n’i Bashani+.
34 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ububasha bwose yerekanye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 35 Maze Yehu arapfa, bamuhamba i Samariya, umuhungu wiwe Yehowahazi+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 36 Yehu yamaze imyaka 28 aganza Isirayeli i Samariya.