Itanguriro 14:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ na we amuzanira umukate n’umuvinyu. Yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+. Abaheburayo 5:5, 6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Na Kristu rero ntiyihaye iteka*+ ryo kuba umuherezi mukuru, ahubwo yarihawe n’uwamubwiye ati: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+.» 6 Ahandi hantu na ho avuga ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.» Abaheburayo 6:19, 20 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Ico cizigiro+ dufise kimeze nk’inanga* y’ubuzima bwacu. Ni ic’ukuri kandi kirakomeye, kikaba kitwinjiza imbere tukarengana ya rido+. 20 Aho hantu integuza yarahinjiye ku bwacu, ni ukuvuga Yezu+, uwabaye umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki ibihe vyose+. Abaheburayo 7:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Kubera ko atagira se, ntagire nyina canke amamuko, kandi intango n’iherezo ry’ubuzima bwiwe bikaba ata ho vyanditswe, bituma amera nk’Umwana w’Imana, akaguma ari umuherezi ibihe vyose+. Abaheburayo 7:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Ubuherezi bw’Abalewi bwashizweho hisunzwe amategeko yahawe abantu+. Iyaba bwashobora gutuma abantu baba abatagira akanenge, kubera iki vyokwiriwe birakenerwa ko haboneka uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki+ aho kumera nka Aroni?
18 Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ na we amuzanira umukate n’umuvinyu. Yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+.
5 Na Kristu rero ntiyihaye iteka*+ ryo kuba umuherezi mukuru, ahubwo yarihawe n’uwamubwiye ati: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+.» 6 Ahandi hantu na ho avuga ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.»
19 Ico cizigiro+ dufise kimeze nk’inanga* y’ubuzima bwacu. Ni ic’ukuri kandi kirakomeye, kikaba kitwinjiza imbere tukarengana ya rido+. 20 Aho hantu integuza yarahinjiye ku bwacu, ni ukuvuga Yezu+, uwabaye umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki ibihe vyose+.
3 Kubera ko atagira se, ntagire nyina canke amamuko, kandi intango n’iherezo ry’ubuzima bwiwe bikaba ata ho vyanditswe, bituma amera nk’Umwana w’Imana, akaguma ari umuherezi ibihe vyose+.
11 Ubuherezi bw’Abalewi bwashizweho hisunzwe amategeko yahawe abantu+. Iyaba bwashobora gutuma abantu baba abatagira akanenge, kubera iki vyokwiriwe birakenerwa ko haboneka uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki+ aho kumera nka Aroni?