ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 14:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ na we amuzanira umukate n’umuvinyu. Yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+.

  • Abaheburayo 5:5, 6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Na Kristu rero ntiyihaye iteka*+ ryo kuba umuherezi mukuru, ahubwo yarihawe n’uwamubwiye ati: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+.» 6 Ahandi hantu na ho avuga ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.»

  • Abaheburayo 6:19, 20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ico cizigiro+ dufise kimeze nk’inanga* y’ubuzima bwacu. Ni ic’ukuri kandi kirakomeye, kikaba kitwinjiza imbere tukarengana ya rido+. 20 Aho hantu integuza yarahinjiye ku bwacu, ni ukuvuga Yezu+, uwabaye umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki ibihe vyose+.

  • Abaheburayo 7:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Kubera ko atagira se, ntagire nyina canke amamuko, kandi intango n’iherezo ry’ubuzima bwiwe bikaba ata ho vyanditswe, bituma amera nk’Umwana w’Imana, akaguma ari umuherezi ibihe vyose+.

  • Abaheburayo 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ubuherezi bw’Abalewi bwashizweho hisunzwe amategeko yahawe abantu+. Iyaba bwashobora gutuma abantu baba abatagira akanenge, kubera iki vyokwiriwe birakenerwa ko haboneka uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki+ aho kumera nka Aroni?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika