-
Mariko 7:32-35Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
32 Ari ng’aho, bamuzanira umugabo atumva kandi atavuga neza+, baramwinginga ngo amurambikeko ibiganza. 33 Aca amujana ahantu hiherereye, hirya y’isinzi ry’abantu. Araheza akoza intoke ziwe mu matwi y’uwo mugabo, azicirako amate, aca amukora ku rurimi+. 34 Hanyuma arangamiza mw’ijuru, ariruhutsa cane maze avuga ati: «Efata», ni ukuvuga ngo «Zibuka.» 35 Amatwi yiwe aca arazibuka+ n’ingorane yari afise yo kutavuga ica irahera, aca atangura kuvuga neza.
-