ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 29:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Kuri uwo musi abafise ubumuga bwo kutumva bazokwumva amajambo yo mu gitabu,

      impumyi na zo zive mu mwiza no mu muzimagiza, zibone+.

  • Yeremiya 6:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 «Ni nde nobwira, nkamuburira?

      Ni nde azokwumviriza?

      Erega amatwi yabo yarazivye*, ntibashobora kwumva+.

      Basigaye bagaya ijambo rya Yehova.

      Ntirikibahimbara+.

  • Mariko 7:32-35
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 Ari ng’aho, bamuzanira umugabo atumva kandi atavuga neza+, baramwinginga ngo amurambikeko ibiganza. 33 Aca amujana ahantu hiherereye, hirya y’isinzi ry’abantu. Araheza akoza intoke ziwe mu matwi y’uwo mugabo, azicirako amate, aca amukora ku rurimi+. 34 Hanyuma arangamiza mw’ijuru, ariruhutsa cane maze avuga ati: «Efata», ni ukuvuga ngo «Zibuka.» 35 Amatwi yiwe aca arazibuka+ n’ingorane yari afise yo kutavuga ica irahera, aca atangura kuvuga neza.

  • Luka 7:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Aca abishura ati: «Genda mubwire Yohani ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: impumyi ubu zirabona+, abacumbagira baratambuka, abanyamibembe barahumanurwa, abatumva barumva+, abapfuye barazurwa kandi abakene barabwirwa inkuru nziza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika