Yesaya
29 «Aragowe Ariyeli*, Ariyeli ca gisagara Dawidi yakambikamwo+!
Umwaka nukurikirwe n’uwundi,
n’imisi mikuru yanyu ibandanye ikurakuranwa+.
2 Mugabo nzoteza ivyago igisagara ca Ariyeli+,
habe ukugandara n’ugucura intimba+,
kandi kizombera nk’iziko ry’igicaniro ry’Imana+.
3 Nzokambika irya n’ino yawe ndagutere.
Nzokwugariza nkoresheje uruzitiro rw’ibiti bisongoye,
nubake n’ivyo kwuririrako mu kugutera+.
Ijwi ryawe rizozanana hasi+
nk’iry’abakora ivyo guhanuza abapfuye*,
ivyo uvuga bijwirire mu mukungugu.
5 Isinzi ry’abansi bawe* rizocika nk’umukungugu unoze+,
isinzi ry’abatwaza umukazo rimere nk’umuguruka uguruwe n’umuyaga+.
Bizoba mu kanya isase, bukwi na bukwi+.
6 Yehova Nyeningabo azokwitwararika.
Niyabigira hazoba imituragaro, nyamugigima, humvikane ijwi rikomeye,
habe umuyaga ukaze, igihuhusi n’imbeya z’umuriro utema ugatongora+.»
7 Isinzi ry’amahanga yose yaje gutera Ariyeli+,
emwe abo bose baje kumutera,
iminara bubatse yo kumusugereza
n’abo bose bamuteza ivyago,
bizoca bizimangana nk’indoto, nk’ivyo umuntu yeretswe mw’ijoro.
8 Bizoba nk’igihe umuntu ashonje arose ariko ararya,
mugabo akikangura ashonje.
Bizoba nk’igihe umuntu anyotewe arose ariko aranywa,
mugabo akikangura arushe, anyotewe.
Ukwo ni ko bizogendera isinzi ry’amahanga yose
arwanya umusozi Siyoni+.
Baborewe, bataborejwe n’umuvinyu.
Bagenda bicako ata nzoga banyoye.
10 Kuko Yehova yabasutseko impwemu y’itiro ryinshi+.
Yahumye amaso yanyu, ari bo bahanuzi+,
apfuka n’imitwe yanyu, ni ukuvuga abantu banyu berekwa+.
11 Ukwerekwa kwose kubabera nk’amajambo y’igitabu cugaye*+. Bagihaye umuntu azi gusoma, bakamubwira bati: «Turagusavye usome ibi n’ijwi ryumvikana», abishura ati: «Nta vyo nshoboye, kuko cugaye.» 12 Bahaye ico gitabu umuntu atazi gusoma bakamubwira bati: «Turagusavye usome ibi», abishura ati: «Sinzi gusoma na gato.»
13 Yehova avuze ati: «Aba bantu bansengesha akarimi gusa,
bakanyubahisha iminwa yabo+.
Mugabo umutima wabo uri kure yanje rwose,
kandi ukuntinya kwabo gushingiye ku mabwirizwa bigishijwe yavuye ku bantu+.
14 Ni co gituma nzosubira gukorera aba bantu ibintu vy’agatangaza+,
igitangaza gikurikirwe n’ikindi.
Ubukerebutsi bw’inkerebutsi zabo buzohera,
n’ugutegera kw’abanyabwenge babo kunyike+.»
15 Baragowe abaca ku biti no ku mabuye kugira bahishe imigambi* yabo Yehova+.
Ivyo bakora babikorera ahantu h’umwiza,
bakavuga bati: «Ugira hari uwutubona?
Hari uwuzi ivyacu+?»
16 Ese ingene mucurika* ibintu!
None umubumvyi n’ibumba vyakabaye bingana+?
Icahinguwe covuga ku bijanye n’uwagihinguye ngo:
«Ntiyampinguye+»?
Mbega icabumbwe cokwubahuka kuvuga ku bijanye n’uwakibumvye ngo:
«Nta na kimwe ategera+»?
17 Hasigaye akanya gato Libani isigare ari umurima w’ivyamwa+,
uwo murima w’ivyamwa na wo usigare ubonwa nk’ikibira+.
18 Kuri uwo musi abafise ubumuga bwo kutumva bazokwumva amajambo yo mu gitabu,
impumyi na zo zive mu mwiza no mu muzimagiza, zibone+.
20 Kuko uwutwaza umukazo atazoba akiriho.
Uwiyemera azoba yavuyeho,
n’abo bose baguma barikanuye ngo bakore ikibi bazoba batikijwe+.
21 Barabeshera abandi bagatuma bagirwa n’icaha,
bagatega umutego uwuburanira ukuri* mw’irembo ry’igisagara+,
bagakoresha n’ivyiyumviro ata co bimaze kugira ngo umugororotsi ntatunganirizwe+.
22 Ibi rero ni vyo Yehova, umwe yacungura Aburahamu+, abwiye abakomoka kuri Yakobo:
23 Niyabona abana biwe hagati muri we,
bo gikorwa c’amaboko yanje+,
bazokweza izina ryanje.
Emwe, bazokweza Umweranda wa Yakobo,
bagirire akoba Imana ya Isirayeli+.
24 Abahuvye mu mutima wabo bazoronka ugutegera,
n’abidoga bemere kwigishwa.»