18 Ibi rero ni vyo Yehova avuze ku bijanye na Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda:
“Ntibazomugandarira umwe wese abwira uwundi ngo:
‘Yoo, mwenewacu! Yoo, mushikanje!’
Ntibazonamugandarira bavuga ngo:
‘Yoo, databuja! Yoo, nyakwubahwa!’
19 Azohambwa nk’uko bahamba indogobwa+,
aburutwe maze atabwe
inyuma y’amarembo ya Yeruzalemu+.”