ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 40:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  3 Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati:

      «Nimutunganye* inzira ya Yehova+!

      Nimucire Imana yacu ibarabara rikuru*+ kandi rigororotse mu bugaragwa+.

  • Malaki 4:5, 6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Ehe ndabarungikiye umuhanuzi Eliya+ imbere y’uko wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova ushika+. 6 Azogarukana umutima wa ba sebibondo ku bana+, n’umutima w’abana kuri ba se, kugira ngo simpave nza gutera isi nkayitikiza.»

  • Matayo 11:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Nkako, ivyanditswe n’abahanuzi hamwe n’amategeko* vyose vyavuze ibizoba gushika kuri Yohani+, 14 kandi nimba mushaka kuvyemera, ni we “Eliya abwirizwa kuza+.”

  • Mariko 9:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Abishura ati: «Eliya koko ategerezwa kubanza kuza, agasubiza ibintu vyose mu buryo+. Kubera iki none Ivyanditswe bivuga ko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi+ akongera agasuzugurwa+?

  • Luka 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Vyongeye, azogendera imbere y’Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya+, kugira agarukane umutima wa ba sebibondo ku bana+, kugira afashe ibigaba gukorana ubwenge* nk’abagororotsi no kugira ashikirize Yehova* abantu bateguwe neza+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika