Mariko
9 Yongera kubabwira ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko bamwe mu bari ng’aha batazogenda bapfuye* batabanje kubona Ubwami bw’Imana bwamaze kuza bufise ububasha+.» 2 Haciye imisi itandatu, Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abadugana ku musozi muremure ari bonyene. Aca arahinduka ari imbere yabo+, 3 impuzu ziwe* zitangura gukayangana, zirera cane ku buryo ata muntu n’umwe amesura kw’isi yoshobora kuzeza ukuraho. 4 Vyongeye, baza babona Eliya na Musa bariko bavugana na Yezu. 5 Petero aca abwira Yezu ati: «Rabi, ni vyiza cane kuba turi ng’aha. Reka rero twubake amahema atatu: rimwe ryawe, irindi rya Musa n’irindi rya Eliya.» 6 Mu vy’ukuri, ntiyari azi ico ari bukore kuko bari batekewe n’ubwoba. 7 Haca haza igicu kirabatwikira, maze ijwi+ rivuye muri nya gicu rivuga riti: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane+. Nimumwumvirize+.» 8 Ubwo nyene baca bareraguza, ariko ntihagira uwundi muntu n’umwe babona kiretse Yezu.
9 Bariko baramanuka uwo musozi, arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye+, gushika Umwana w’umuntu amaze kuzuka mu bapfuye+. 10 Ayo majambo baca bayashira ku mutima*, mugabo baguma babazanya ico ukwo kuzuka mu bapfuye gusobanura. 11 Baca bamubaza bati: «Kubera iki abanditsi bavuga ko Eliya+ ategerezwa kubanza kuza+?» 12 Abishura ati: «Eliya koko ategerezwa kubanza kuza, agasubiza ibintu vyose mu buryo+. Kubera iki none Ivyanditswe bivuga ko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi+ akongera agasuzugurwa+? 13 Ariko ndababwiye ko Eliya+ vy’ukuri yamaze kuza, kandi bamukoreye ivyo bishakiye, nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye+.»
14 Bagarutse aho abandi bigishwa bari, babona isinzi ry’abantu ribakikuje hamwe n’abanditsi bariko barabahaririza+. 15 Abo bantu bakimubona, baratangara cane, baca biruka kumusanganira. 16 Na we ababaza ati: «Ni ibiki muriko muraharira na bo?» 17 Umwe muri iryo sinzi amwishura ati: «Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje kuko arimwo impwemu ituma aba umuragi+. 18 Igihe cose imufashe iramukubita hasi, akabimba ifuro mu kanwa, agahekenya amenyo kandi agatakaza inguvu zose. Nasavye abigishwa bawe ngo bayirukane, ariko vyabananiye.» 19 Yezu aca ababwira ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nimumunzanire+.» 20 Baca baramumuzanira. Ariko iyo mpwemu ibonye Yezu, ica irajegeza uwo muhungu. Imaze kumukubita hasi, aguma akumbagara kandi abimba ifuro mu kanwa. 21 Yezu abaza se wiwe ati: «Ivyo bimaze igihe kingana iki bimushikira?» Amwishura ati: «Kuva akiri umwana. 22 Kandi kenshi iramuta mu muriro no mu mazi ishaka kumwica. Ariko nimba hari ico ushoboye gukora, tugirire ikigongwe udufashe.» 23 Yezu amwishura ati: «Kubera iki uvuze ngo: “Nimba hari ico nshoboye”? Erega vyose birashoboka ku wizera+.» 24 Ubwo nyene se w’uwo mwana aca arasemerera ati: «Ndizeye! Mfasha aho nkeneye ukwizera+!»
25 Yezu abonye ko isinzi ry’abantu ririko riraza ryihuta aho bari, aca arakankamira iyo mpwemu mbi* ati: «Wa mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ndabigutegetse, muvemwo kandi ntuze usubire kumwinjiramwo+!» 26 Iyo mpwemu imaze gukoma induru no kumujegeza, ica iramuvamwo. Uwo mwana aca aba nk’uwapfuye, ku buryo abantu benshi bavuga bati: «Yapfuye!» 27 Mugabo Yezu amufata ukuboko aramuvyura, na we aca arahaguruka. 28 Yezu amaze kwinjira mu nzu, abigishwa biwe bamubaza biherereye bati: «Kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana+?» 29 Abishura ati: «Burya bwoko nta kintu gishobora kubwirukana atari isengesho.»
30 Hanyuma bava ng’aho, baca i Galilaya, ariko ntiyashaka ko hagira umuntu n’umwe abimenya, 31 kuko yariko yigisha abigishwa biwe, ababwira ati: «Umwana w’umuntu azotangwa mu maboko y’abantu. Bazomwica+, ariko azozuka haciye imisi itatu+.» 32 Mugabo ntibatahuye ivyo ababwiye, kandi baratinya kumubaza ibibazo.
33 Bashika rero i Kaperinawumu. Amaze kwinjira mu nzu, ababaza ati: «Mwariko muharira ibiki mu nzira+?» 34 Baguma banumye, kuko mu nzira bari bamye baharira ibijanye n’uwuri mukuru muri bo. 35 Aca aricara, ahamagara bamwe cumi na babiri, ababwira ati: «Nimba umuntu ashaka kuba uwa mbere, ategerezwa kuba uwa nyuma ya bose kandi agakorera bose+.» 36 Hanyuma afata umwana mutoyi, amuhagarika hagati yabo, amukikuza amaboko, araheza ababwira ati: 37 «Uwo wese yakiriye umwana mutoyi+ nk’uyu kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, ntaba yakiriye jewe gusa, aba yakiriye n’uwantumye+.»
38 Yohani aca amubwira ati: «Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni mw’izina ryawe, duca tugerageza kumubuza kubera atariko aradukurikira+.» 39 Ariko Yezu amwishura ati: «Ntimugerageze kumubuza, kuko ata muntu n’umwe yokora ibikorwa vy’ububasha mw’izina ryanje ngo ace yihutira kumvuga nabi. 40 Uwutaturwanya aba adushigikiye+. 41 Kandi uwo wese abaha igikombe c’amazi yo kunywa kubera muri abigishwa ba Kristu+, ni ukuri ndabibabwiye, ntazogenda ataronse impembo yiwe+. 42 Ariko uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi banyizera, yopfuma yambikwa mw’izosi urusyo ruzungurutswa n’indogobwa, maze agatererwa mu kiyaga+.
43 Ikiganza cawe nicaramuka kigutsitaje, gice. Wopfuma uronka ubuzima ufise ikiganza kimwe, hako uja muri Gehena*, mu muriro utazima, ufise ibiganza bibiri+. 44* —— 45 Kandi nimba ikirenge cawe kigutsitaza, gice. Wopfuma uronka ubuzima uri ikimuga, hako utererwa muri Gehena ufise ibirenge bibiri+. 46* —— 47 Kandi nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rite kure yawe+. Wopfuma winjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehena ufise amaso abiri+, 48 aho inyo zitigera zipfa n’umuriro ntiwigere uzima+.
49 Umuntu wese* abwirizwa gusukwako umunyu, ari wo muriro+. 50 Umunyu ni mwiza, ariko hamwe wotakaza akanovera* kawo, wowurungisha iki+? Nimwamane umunyu muri mwebwe+ kandi mubane amahoro+.»