-
Mariko 10:2-12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 Abafarizayo rero baramwegera bashaka kumutega, bamubaza ko vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe+. 3 Aca ababaza ati: «Musa yabategetse iki?» 4 Baca bamubwira bati: «Musa yategetse ko umuntu amwandikira urupapuro* rwo kwahukana, maze akamwirukana+.» 5 Yezu abishura ati: «Musa yabahaye iryo tegeko kubera mufise imitima ikomantaye+. 6 Ariko kuva mu ntango y’irema “yabaremye ari umugabo n’umugore+. 7 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina+, 8 kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe. 9 Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+.» 10 Basubiye mu nzu, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu. 11 Na we ababwira ati: «Uwo wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ kandi aba amuhemukiye. 12 N’umugore ataye umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba arenze ibigo+.»
-