28 Kuko Umuyuda wo ku rukoba atari we Muyuda+, eka n’ukugenyerwa kw’inyuma ku mubiri si kwo kugenyerwa+. 29 Ahubwo Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda+, kandi agenyerwa ku mutima+ biciye ku mpwemu, ntagenyerwa biciye ku mategeko yanditse+. Ntashimagizwa n’abantu, ahubwo ashimagizwa n’Imana+.