ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yohani 14:30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 Sinkivugana namwe vyinshi, kuko umutware w’isi+ ariko araza, kandi nta bubasha amfiseko+.

  • Yohani 16:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 ubwa nyuma ku vyerekeye urubanza, kubera yuko umutware w’iyi si yaciriwe urubanza+.

  • Ivyakozwe 26:17, 18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Kandi nzogukiza abo muri iri hanga n’abo mu yandi mahanga ndagutumyeko+. 18 Ndabagutumyeko ngo ubahumure amaso+, ubakure mu mwiza+ baje mu muco+, bave mu bubasha bwa Shetani+ baje ku Mana, kugira bababarirwe ibicumuro+ baronke n’intoranwa ihabwa abejejwe n’ukunyizera.”

  • 2 Abakorinto 4:3, 4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Nimba vy’ukuri inkuru nziza tumenyesha itwikiriwe, itwikiriwe mu bariko baja mu mahonero, 4 bamwe batemera. Imana y’iyi si*+ yarahumye ubwenge bwabo+ kugira ngo umuco* wa ya nkuru nziza y’ubuninahazwa yerekeye Kristu, we shusho y’Imana+, ntumene ngo ubashikire+.

  • Abanyefeso 2:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Vyongeye, Imana yarabagize bazima mwebwe mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu n’ibicumuro vyanyu+, 2 ivyo mwagenderamwo kera mwisunga ibintu vy’iyi si*+. Mwisunga kandi umutware afise ububasha ku kirere+, ni ukuvuga impwemu+ ikorera mu bantu bagambarara.

  • 1 Yohani 5:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Turazi ko dukomoka ku Mana, mugabo isi yose iganzwa* na wa mubisha+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika